Uko wahagera

ONU Isaba Reta ya RDC Kwubahiriza Imyiyerekano


Inama ya ONU Ijejwe amahoro n'umutekano ikoranye
Inama ya ONU Ijejwe amahoro n'umutekano ikoranye

Inama ya ONU ijewe amahoro n’umutekano kw’isi yasavye kuri uyu wa mbere igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Kongo gukuraho ingingo ibuza abagira imyiyerekano mugihe hategekanijwe amatora mu kwezi kwa cumi na kabiri, ONU isaba ko ata n’umwe akwiye kuyakumirwamwo.

Muri raporo yo kuwa 7 z’ukwezi kwa gatanu, umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, yari yasavye reta ya Kinshasa gukuraho iyo ngingo.

Amakuru dukesha itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP avuga ko iyo nama ya ONU ijejwe umutekano yasavye impande zerwa n’ibibera muri Kongo kubandanya kwubahiriza ikirangamisi c’amatora kandi yibutsa ko ari ngombwa ko hafatwa ingingo zihutirwa zo kugarukana icizere mu berwa n’ayo matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG