Uko wahagera

Ikoraniro rya Mbere ry'Abatavuga Rumwe n'Ubutegetsi muri RDC


Umukuru w'umugambwe UDPS utavuga rumwe n'ubutegetsi, Felix Tshisekedi aramutsa abanywanyi biwe aho yagira ashikirize ijambo. Kinshasa, Itariki 24/04/2018.
Umukuru w'umugambwe UDPS utavuga rumwe n'ubutegetsi, Felix Tshisekedi aramutsa abanywanyi biwe aho yagira ashikirize ijambo. Kinshasa, Itariki 24/04/2018.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo barashoboye gutunganya ikoraniro rya mbere ryemewe n’ubutegetsi ku musi wa kabiri i Kinshasa kuva mu kwezi kw’icenda umwaka wa 2016.

Hari haheze amezi abiri, haseseka amaraso mu mabarabara y’i Kinshasa, igihe abajejwe umutekano bahangana n’abari mu myiyerekano yatunganijwe na Ekleziya Katolika, imyiyerekano yari yabujijwe n’ubutegetsi.

Inama yo kuri uyu wa kabiri yakoranye irekuwe na buramatari wa Kinshasa, yari irongowe n’umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, akaba n’umukuru w’umugambwe UDPS, Félix Tshisekedi.

Tshisekedi yasavye ko abatavuga rumwe n’ubutegetsi bahunze bagaruka mu gihugu uhereye kuri Moïse Katumbi, yashikirije ko azokwitoza ariko ashobora gushikira mw’ibohero mugihe yotaha.

Mw’ijambo yashikirije, uwo mukandida mu matora yongeye kwiyamiriza ikoreshwa ry’imashini mu matora yo kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2018.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG