Uko wahagera

Amahanga n'Imiryango Bakomeje Kwamagana Ubwicanyi Muri Kongo


Michaelle Jean, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu bivuga igifaransa OIF

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe rihurikiyemwo ibihugu bivuga igifaransa OIF ariyamiriza ubwicanyi bwakorewe abanyagihugu umunani muri Repubulika iharanira demukarasi ya Kongo.

Abo banyagihugu bishwe bari mu myiyerekano yatunganijwe n’Abakatolika igamije kwiyamiriza kuguma ku butegetsi kwa Perezida Jospeh Kabila.

Umunyamabanga mukuru wa OIF, Michaëlle Jean, mw’itangazo yasohoye, yahamagariye ubutegetsi bwa Kongo kubahiriza uburenganzia bwo kugira imyiyerekano.

Ku ruhande rw’imigambwe n’abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike, madamu Jean, yasavye ko imyiyerekano yose bakora yoba mu mahoro.

Abagera ku 100 nibo bakomerekeye muri iyo myiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG