Uko wahagera

Burundi: Reta Isaba ko Bunyoni Apfungwa Ubuzima Bwose, Agatanga Ihadabu y’Incuro Zibiri z’Amazu Yiwe 153 n’Imiduga 43


Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi
Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi

Urubanza rwa Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi kuri uno wa kane rwabandanije. Uno musi, wari uwo gusabira ibihano abagirizwa bose.

Uwuserukira Reta y'Uburundi muri urwo rubanza yasabiye Bunyoni gufungwa ubuzima bwiwe bwose, gutanga ihadabu ingana n’icuro zibiri z’ubutunzi ubutungane buvuga ko uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi yaronse bidaciye mu mategeko.

Ubwo ni amazu 153 n’ibibanza vyo kubakamwo hamwe n’imodokari 43 nk’uko vyavuzwe n’umwagiriji. Hejuru y’ibi, Bunyoni aramutse yagiriwe n’ivyaha akurikiranwako abwirizwa gushira mu kigega ca Reta imiliyoni 7 n’ibihumbi ijana vy’amarundi nk’uko uwuserukira Reta muri urwo rubanza yabisavye.

Ivyaha Bunyoni yagirizwa birimwo: Uguhungabanya umutekano w’igihugu, uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu, ugutuka umukuru w’igihugu n’umushikiranganji wa mbere, ukwishimikiza ububasha uhabwa n’amategeko kugira ushike ku nyungu zawe bwite, ugutunga ibirwanisho udafitiye uruhusha, ukurondera kwica umukuru w’igihugu mu ntumbero yo gutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu, ugukoresha ibintazi n’amangetengete mu kugerageza kwica Prezida Evariste Ndayishimiye,.

Kuri ivyo vyaha vyose, Alain Guillaume Bunyoni yireguye asaba abacamanza ko bomurekura akidegemvya ashimangira ko ata cemezo na kimwe uwumwagiriza yigeze ashikana imbere ya sentare kugira agaragaze ukuri kw’ivyo amurega.

Yagize ati: " Nta muntu nahaye igikorwa co kwica Prezida Evariste Ndayishimiye mwigeze muzana kandi sinoshobora gutegura gutembagaza inzego nkoranye n’abashoferi n’umukuru w’umutumba ata nguvu n’ubushobozi bagira".

Yongeyeko ati:" Inzu yanje muvuga ko ipanzwe n’ubushikiranganji bujejwe umutekano sinigeze nsinya ku masezerano y’ubukote! Ku vyerekeye ibirwanisho navyo, abapolisi babiri batwara abandi bari bajejwe kuncungera ubuzima baravuze neza ko ibirwanisho basanze i wanje ari ivyo bahibagiriye kandi ivyo nagirijwe gutunga amahera y’agaciro ku muhana i wanje nta tegeko na rimwe rimbuza gutunga amafaranga munzu yanje."

Abandi bantu batandatu bari muri urwo rubanza nabo basabiwe imyaka 30 y’umunyororo. Abo ni Koloneri mu gipolisi Desire Uwamahoro, yahoze arongoye igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko, Samuel Destine Bapfumukeko, umukozi mukuru w’iperereza ry’Uburundi, Come Niyonsaba yari ajejwe inyubako za Bunyoni, Didace Igiraneza na Isaac Banirwaninzigo bari abadereva ba Bunyoni hamwe na Melchiade Nduwimana, umukuru w’umutumba wa Mbone mu ntara ya Bujumbura mu burengero bw’Uburundi aho Jenerali Bunyoni yafatiwe yinyegeje mu kwa kane uyu mwaka.

Babiri ba mbere (Desire Uwamahoro na Samuel Destine Bapfumukeko) bagirijwe icaha co kumena amabanga y’akazi mu gihe bane ba nyuma (Come Niyonsaba, Didace Igiraneza, Isaac Banirwaninzigo na Melchiade Nduwimana) bakekwa kuba barafadikanije na Bunyoni ku caha co kugerageza kwica umukuru w’igihugu mu ntumbero yo gutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu.

Abacamanza ba sentare ntahinyuzwa bari bamaze imisi ine bashashe mw’ibohero rikuru rya Gitega aho Bunyoni apfungiwe kuva mu kwezi uyu mwaka, bavuze ko urubanza ruroye mu mwiherero. Bemeje kandi ko ingingo ya sentare izomenyekana mu misi 30 nk’uko bigenda mu manza z’ivyaha mu Burundi kiretse habaye izindi ntambamyi.

Jenerali Bunyoni aramutse yagiriwe na bino vyaha azoba abaye Umurundi wa mbere w’ipete rinini ahanywe n’ubutungane bw’Uburundi. Ivy’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu y’Abarundi na mpuzamakungu yari yasavye ko horungikwa indorerezi mvamakungu gukurikirana urwo rubanza ntivyakozwe.

Ibihushanye no mu myaka iheze mu manza z’abategetsi canke abaharanira agateka ka kiremwa muntu n’abamenyeshamakuru, za ambasade zo mu Burundi nta n’imwe yarungitse uwuja gukurikirana urwo rubanza nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika yabibonye. Ariko ku musi wa mbere , uwuserukira umurwi CNIDH w’igihugu uijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi mu karere ko hagati na hagati gashira ubuseruko yarahaserutse.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Burundi: Reta Isaba ko Bunyoni Apfungwa Ubuzima Bwose, Agatanga Ihadabu y’Incuro Zibiri z’Amazu Yiwe 153 n’Imiduga 43
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:56 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG