Uko wahagera

Burundi: Bunyoni Yimuriwe mu Ibohero Rikuru rya Gitega


Bunyoni akiri umushikiranganji w'umutekano mu kwa kabiri 2016.
Bunyoni akiri umushikiranganji w'umutekano mu kwa kabiri 2016.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi, Alain Guillaume Bunyoni, ubu abarizwa mw'ibohero rikuru rya Gitega kuva kuri uyu wa kabiri kumuhingamo. Yahimuriwe ava mw'ibohero rikuru ry'intara ya Ngozi mu buraruko bw'igihugu aho yari afungiwe kuva kuwa 8 ukwezi kwa gatanu uyu mwaka.

Amasoko y'Ijwi ry'Amerika yavyiboneye i gitega yagize ati, "Yashitse kw'ibohero rikuru rya Gitega nk'igihe c'isaha icenda n'igice. yari aherekejwe n'abapolisi isinzi bafise ibikoho bininibinini. Yari muri pick-up y'igipolisi yuzuye abapolisi iherekejwe n'iyindi inihiriye abajejwe umutekano nyene bose barikanuye"

Mw'ibohero rikuru rya Gitega, Jenerali Bunyoni afise uwundi mubanyi. Ni Desire Uwamahoro. Uwo mukoloneli wo mugipolisi yarafungiwe muri iryo bohero nyene kuva kw'itariki ya 4 ukwezi kwa gatanu nyene. Uwo yahoze atwara igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko kizwi nka " BAE" mu mpfunyapfunyo y'igifaransa. Abo bagabo babiri bafungiwe mu kibanza kidasanzwe nk'uko Ijwi ry'Amerika ryabibwiye n'amasoko atandukanye hamwe n'abahamya. Abahiboneye batubwiye bati "Ni ivyumba bibiri vy'impome zifise intimbatimba za sentimetero 50, bipima imetero zine kuri zine bikaba bifise ubwogero n'ubwiherero. Vyubatswe hakoreshejwe amabuye akomeye cane".

"Uguhitamwo ibohero rikuru rya Gitega si igihamana, rirakwije ibisabwa vyose kugira abafungwa bahari ntibatoroke. Rikikujwe n'impome zitatu zimananye, urwa nyuma rukaba rupima imetero indwi hakaba hariko n'intsinga umuyoro", ni ko bamwe mu bajejwe umutekano batuganiririye.

Mu ndwi iheze, ubutungane bw'Uburundi bwavuze ko bukomeje gucukumbura ibindi vyaha Jenerali Bunyoni ashobora kuba yarakoze. Mu gihe agifatwa yakurikiranwa ku vyaha bitatu nyamukuru, umuvugizi w'ibiro vy'umushikirizamanza kizigenza wa Republika na sentare ntahinyuzwa Agnes Bangiricenge yatangaje kuwa kane igenekerezo rya 13 uku kwezi ko i ruhande y'ivyaha vyo : guhungabanya umutekano w'igihugu, uguhungabanya ubutunzi bw'igihugu no kurondera inyungu z'akazi bidaciye mumategeko ubu hiyongereyeko ibindi vyaha ari vyo: ugutuka umukuru w'igihugu no gutunga ibirwanisho adafitiye uburenganzira. Ibi vyaha bishobora guhanishwa umunyororo w'imyaka 30 hisunzwe igitabu mpanavyaha c'Uburundi.

Pierre Claver Miburo, umuyobozi mukuru w'amabohero mu Burundi ntiyitavye terefone igihe ibiro vy'i Nairobi vyamuhamagara kugira agire icavuze kuri iyi nkuru co kimwe na Agnes Bangiricenge. N'ubutumwa bwanditse kuri WhatsApp, ni co kimwe, ntibabushubije.

Ibohero rikuru rya Gitega Alain Guillaume Bunyoni yungururijwemwo ni naryo rifungiwemwo abashatse guhirika ubutegetsi bwa nyakwigendera Prezida Pierre Nkurunziza mu kwa gatanu 2015. Bo baramaze gucirirwa uwo guherayo.

Forum

XS
SM
MD
LG