Uko wahagera

Prezida w'Uburundi Agabisha Abashikiranganji Bose Barimwo n'uwa Mbere


Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022
Perezida Evariste Ndayishimiye mu kiganiro n'abamenyeshamakuru i Bujumbura mu Burundi, Kw'itariki ya 10/05/2022

Umukuru w’igihugu c’Uburundi, aragabisha abashikiranganji bose, n’aho yoba uwa mbere, kutigira igihangange no kurengera amategeko. Aragabisha kandi uwuzofatwa yanyuruje amatungo y’igihugu ko batazokwihanganirwa.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yavuze ko yifuza ko ata mushikiranganji canke uwundi mutware yosubira kwigira igihangange kuko kuri we, ata n’umwe ari hejuru y’amategeko.

Ibi umukuru w’igihugu yabibwiye abashikiranganji bagize reta y’Uburundi, harimwo umushikiranganji wa mbere n’abahanuzi b’umukuru w’igihugu, mu mwiherero w’iminsi ibiri, w’abagize reta uriko urabera I Gitega ku murwa mukuru wa politike, watanguye mw’ibanga, kuri uyu wa gatatu.

Mu kwezi guheze kw’9, umukuru w’igihugu yabogoje mu mabanga yiwe uwahora ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni. Uyu, amashirahamwe yigenga, ndetse n’umukuru w’igihugu ubwiwe, bavuze ko yari asigaye ari ntakorwako mu gihugu.

Ubu, Perezida Ndayishimiye yibukije abagize reta nshasha ko umukuru w’igihugu ari we wenyene afata ingingo ya nyuma mu gihugu kandi ko atawukwiye kumuhangara, ikibanza yoba arimwo ico arico cose.

Mu mpanuro yabahaye muri uwo mwiherero urangira kuri uyu wa kane, Perezida Ndayishimiye yavuze ko ukubahiriza agateka ka zina muntu, ukurwanya ubwicanyi no kurwanya inyuruzwa ry’amatungo ya reta, mu gihugu ari yo ntumbero nshasha bihaye.

Abo bategetsi bahawe umurongo ngenderwako abenshi muri bo nta n’ukwezi kurahera bagenywe mu mabanga yabo. Bagenywe inyuma y’ikurwa ry’uwahora ari umushikiranganji wa mbere Bunyoni, na reta yiwe.

Inkuru ya Pierre Claver Niyonkuru akorera Ijwi ry'Amerika

Prezida Ndayishimiye Agabisha Abagize Reta Yiwe
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:07 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG