Uko wahagera

Burundi: Urubanza rwa Bunyoni Rwatanguye Kwumvirizwa mw'Ido n'Ido


Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere mu Burundi
Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere mu Burundi

Urubanza rw'uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi, Alain Guillaume Bunyoni, rwatanguye kumvirizwa mw'ido n'ido kuri uyu wa mbere.

Ku vyaha icenda akurikirananyweko, Bunyoni yisiguye kuri bitatu birimwo ugushaka kwica umukuru w'igihugu mu ntumbero yo gutembagaza inzego zitorewe n'abanyagihugu.

Urubanza rwumviririjwe mw’ibohero rikuru rya Gitega ku murwa mukuru wa politike aho Alain Guillaume Bunyoni afungiwe kuva mu kwezi kw'indwi.

Abacamanza ba sentare ntahinyuzwa bamuburanisha kubera afise ubudahangarwa bari baduze bava ku murwa mukuru w’ubutunzi, Bujumbura, ahari icicaro c’iyo sentare.

Alain Guillaume Bunyoni yasavye sentare ko itohirahira ngo imuburanishe ku caha cerekeye amatungo adasiguritse na rirya ata ngingo ya sentare n’imwe muri kahise yigeze yerekana amamuko y’ubutunzi bwiwe n’uko bungana nk’uko amasoko y’Ijwi ry’Amerika yari muri urwo rubanza yabitubwiye.

Yabwiye abacamanza ati:" Ico cagiriji ntikigira ifatiro kubera jewe narakoreye igihugu! Ubwo butunzi naburonse mu vyo nakoreye mu myaka 20...Narafashe ideni mw’ibanki zizwi nshiraho amashirahamwe yo kunguruza abantu n’ibintu, nshora imitahe mu burimyi n’ubworozi, nongera ndubaka n’ibitaro! Kira noneho n’amategeko avuga ko n’iyo vyobaye ukuri ubutungane bwari kuba bwavyerekanye imyaka itatu ntanguye urwo rucuruzwa, ivyo butigeze bukora”.

Abacamanza ba sentare ntahinyuzwa bavuze ko Jenerali Bunyoni yakoresheje uruyeri igihe yaja mu mabanga yerekana igice gito cane c’ubutunzi bwiwe.

Alain Guillaume Bunyoni yanisiguye ku caha co gushaka kwica umukuru w’igihugu c'Uburundi, mu ntumbero yo gutembagaza inzego zitorewe n’abanyagihugu.

Yagirijwe ko yanarondeye gukorana na bamwe mu Barundi bahunze igihugu muri ico gikorwa. Aha uwashizwe mu majwi ni umumenyeshamakuru wa radiyo RPA ikorera mu buhungiro kuva muri 2015 inyuma yaho ituririwe mw’ijoro ry’uwa 13 ukwa gatanu, umusi ihirikwa ry’ubutegetsi bw'Umuhisi Prezida Pierre Nkurunziza ryaburijwemwo.

Sentare yavuze ko ifise ivyemezo ko Bunyoni "yahaye amafaranga Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA kugira bafatanye muri ico gikorwa kandi ko hari n’ubutumwa bwanditse bwereka ivyo vyagiriji".

Uwuserukira Reta mu kumwagiriza yanagarutse kandi ku "butumwa n’ivyo yavuganye kuri terefone na koloneri mu gipolisi Desire Uwamahoro" yahoze arongoye igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko BAE nawe nyene afungiwe mw’ibohero ryo ku muwa mukuru wa politike.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere ntiyahakanye ko "atahaye amafaranga Rugurika. Ariko yavuze ko yabikoze nyabuna mu ntumbero yo gukingira igihugu n’inzego zaco".

Yagize ati: "Kubera nzi ko Bob Rugurika ari mu vyabona vya CPI, nashatse kumenya amazina y’abategetsi 30 baronderwa n’iyo sentare kubera ugufata abategetsi bangana gutyo bisa no guca igihugu umutwe”.

Yongeyeko ati:" Jewe mubona nokorana n’umusivire w’intakare ari ku bilometero birenga ibihumbi 6 kandi ata nguvu agira. Nsanzwe nzi ko ata kindi kimuraje ishinga atari ukubona igihugu kigwa mu kaga”.

Atavuze vyinshi canke ngo yerekane ivyemezo, Bunyoni yakomeje abwira abacamanza ati:" Erega urwego rw’igendereza rw’u Rwanda rwari rwinjiye mu buryo bwanje bwo gutumatumanako! ni ho ivyo uwunyagiriza yabikuye muri terefone”.

Bob Rugurika ari mu buhungiro muri kino gihe akaba no mu bantu baronderwa n’ubutungane bw’Uburundi ntiyashimye kugira vyinshi abivugako. Mu butumwa bwanditse yaduhaye kuri WhatsApp yagize ati:" Ntaco mfise ndabivugako, ivyo ndabifata nk’ibitutsi”.

Mu vyaha Bunyoni akurikiranwako kandi yireguyeko kuri uyu wa mbere, harimwo ikijanye no gutunga ibirwanisho adafitiye uruhusha. Alain Gillaume Bunyoni no kuri iki cagiriji ntahakana ko hari ibirwanisho iperereza n’igipolisi vyasanze ku muhana iwe kandi atarabirekuriwe. Gusa yabitangiye insiguro.

Yabwiye abamuburanisha ati:" ibikoho bitera amarokete bahasanze vyari vyarapfuye kandi nta rokete n’imwe yari ihari. Ivyo bikoho vyahasizwe n’abahora bajejwe kunkingira ubuzima ntibari bwaze kubihakura”.

Niko gusaba ko kimwe mu bisongerezi n’umupolisi mu bari bajejwe umutekano wiwe borengutswa kugira bumvirizwe bitewe n’uko bazi ukuri kose kuvyerekeye ivyo birwanisho. Sentare yemeye kuzobarengutsa kugira baze gusura.

Ivyaha vyo gutunga ibirwanisho adafitiye uruhusha, uguhungabanya umutekano w’igihugu, uguhungabanya ubutunzi bw’igihugu no gushaka kwica umukuru w’igihugu bikuru bikuru Jenerali Bunyoni akurikiranwako, biramutse bimwagiriye ashobora guhanishwa umunyororo w’imyaka 30 hisunzwe igitabu mpanavyaha c’Uburundi.

Ni naho uwuserukira Reta muri urwo rubanza yafatiye asaba sentare kutamuha uburenganzira bwo kuburana yidegemvya avuga ko yagirizwa ivyaha vy’agacamutwe. Hari kuwa 16 ukwezi kw’icumi guheze.

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu harimwo ay’Abarundi na mpuzamakungu yasavye ko Bunyoni yohabwa ubutungane. Banasavye abategetsi b’Uburundi kureka indorerezi mvamakungu kuza gukurikirana urubanza rwiwe avuga ko ihagarikwa ryiwe mu kwa kane uyu mwaka ryabayemwo igifungu cinshi.

Kuri uyu wa kabiri, urubanza rurakomeza kwumviririzwa hakarengutswa n’amasura abiri Jenerali Bunyoni yitabaje.

Fyonda hasi wumve ibindi kuri ino nkuru ya Eloge Willy Kaneza.

Mu Vyaha Bunyoni Yagirizwa Harimwo Guhakwa Kwica Prezida Ndayishimiye
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:33 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG