Uko wahagera

Burundi: Alain Guillaume Bunyoni Yumvirijwe Muri Sentare Ntahinyuzwa


Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi
Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi

Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi kuri uyu wa mbere yumvirijwe muri sentare ntahinyuzwa ku murwa mukuru w'ubutunzi Bujumbura. Amakuru yuzuzanya Ijwi ry'Amerika ryaronse n'uko uyu musi nyene ajanwa mw'ibohero rikuru rya Ngozi mu buraruko bw'Uburundi. Jenerali Bunyoni yarafise uwumwunganira mu mategeko kandi n'umuryango wiwe wamuvugishije akanya gato.

Bamwe mu bantu bavyiboneye n’amaso babwiye Ijwi ry’Amerika ko uwahoze ari umushikiragani wa mbere Alain Guillaume Bunyoni yarengutse ari mu mwambaro w’icatsi kibisi uranga abanyororo mu Burundi.

Nta tangazo canke ikiganiro catanzwe ku bijanye n’irenguka rya Aalin Guillaume Bunyoni. Ariko Agnes Bangiricenge, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa n’ibiro vy’umushikirizamanza kizigenza wa Republika yemeje ko yarengutse mugabo yirinda kugira vyinshi abivuzeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG