Uko wahagera

Reta y'Uburundi Yahagaritse Amakonte ya Bunyoni


Alain Guillaume yahoze ari Umushikiranganji wa mbere
Alain Guillaume yahoze ari Umushikiranganji wa mbere

Reta y’Uburundi yasavye ko amafaranga yose ari ku makonti ya Alain Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi ahagarikwa. Ni ingingo yafashwe n'ibanki nkuru y'igihugu BRB, ibisabwe na parake nkuru ya Republika.

Ikete ry’umukuru wa banki nkuru y’igihugu BRB ritegeka amabanki n’amazu yo kuguranana kudasubira kwemera ko hari ikintu na kimwe gikorwa ku makonti ya Alain Guillaume Bunyoni ryasohotse ku musi wa kabiri w’iyi ndwi.

Iyo ngingo ije ikwirikira ihindurwa ry’inoti za 5.000 na 10.000. Prezida Evariste Ndayishimiye yatangaje ko ari umugambi wo guhasha akarwi k’abantu bivye igihugu bayabika mu mazu.

Eloge Willy Kaneza, yakurikiranye iyi nkuru.

Konte za Bunyoni zahagaritswe n'Ubutungane
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:53 0:00

Forum

XS
SM
MD
LG