Uko wahagera

Burundi: Inzego z'Umutekano Zasatse Ingo za Jenerali Bunyoni


Alain Guillaume Bunyoni ( i Buryo). Ino foto yafatiwe mu ntara ya Cibitoke
Alain Guillaume Bunyoni ( i Buryo). Ino foto yafatiwe mu ntara ya Cibitoke

Igipolisi c’Uburundi n’igendereza vyazindutse bisaka ku ngo z’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni. Izo nyubakwa ziri ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura no mu ntara ya Rutana mu bumanuko bushira ubuseruko.

Kuva mu gaturuturu ko kuri uyu wa mbere, abapolisi benshi babonetse ku rugo rw’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi Alain Guillaume Bunyoni ruri ku musozi wa Rongero muri komine n’intara ya Rutana mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Uburundi, nk’uko abahaba babibwiye Ijwi ry’Amerika.

No ku wundi muhana wiwe ahasanzwe aba mu gisagara c’ubutunzi Bujumbura vyari uko nyene. Uri muri karitiye ya Gasekebuye mu bumanuko bw’umurwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura. Abapolisi isinzi bazindukiye ku muhana w’uwo mwubahwa nk’uko bamwe mu babanyi bavyiganiye Ijwi ry’Amerika. Amasoko yacu yibaza ko abaroye kuri urwo rugo hoba harimwo abo mu biro bikuru vy’iperereza.

Mu Rutana inzu yakozweko isakwa iri ku musozi wa Rongero mu kibanza kinini cane kirimwo n’ibibuga vy’inkino. Kiretse imfunguruzo zo ku muryango mukuru w’urwinjiriro zifiswe n’umwana w’umukobwa ahakora, nta rundi rufunguruzo na rumwe abapolisi basanzeho igihe bashaka kwugurura inzugi. Umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre Nyandwi yatanze ubutunwa kuri terefone ko izo nzugi zibomorwa.

Umutahe utegeka isakwa ry’amazu y’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi wasohowe mw’ijoro ryo kuri uyu w’Imana nk’uko amasoko yacu yabitubwiye. Sylvestre Nyandwi yawusohoye yanditse impamvu ivuga ko muri ayo mazu hakekwa kuba harimwo ibifyovya vy’amafaranga menshi.

Ibijanye n’ababika amafaranga mu mazu na Prezida Evariste Ndayishimiye amaze imisi avyijogota. Mu kwezi kwa gatatu guheze ho yagabishije abayatunze mu nzu ko ashobora guhindura inoti z’Uburundi bagasigara muri kabaza. Aha yari mu masengesho yari yatunganijwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka bikoranye.

Ijwi ry’Amerika ryashatse kumenya niba iri sakwa ryofatwa nko guhagurukira abarya ibiturire bo ku nzego zo hejuru no kurwanya ukudahana mu Burundi nk’uko Prezida Ndayishimiye yavyiyemeje akija ku butegetsi muri 2020.

Mu ntango z’ukwa cenda 2022, ni ho umukuru w’igihugu yasaba inama nshingamateka kumwemerera gusubiriza giturumbuka Bunyoni bari bamaranye imyaka ibiri. Yamusubirije Gervais Ndirakobuca bari babisikanije ku mwanya w’ubushikiranganji bw’umutekano. Nta mvo zigeze zitangwa n’ibiro vya Prezida Ndayishimiye.

Fyonda hasi wumve ibindi mu nkuru ya Eloge Willy Kaneza akorera Ijwi ry'Amerika.

Burundi: Ingo za Bunyoni Zasatwe
please wait

No media source currently available

0:00 0:06:01 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG