Uko wahagera

Abashingamateka Bemeje Ndirakobuca nk'Umushikiranganji wa Mbere


Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa mbere mushasha w'Uburundi
Gervais Ndirakobuca, umushikiranganji wa mbere mushasha w'Uburundi

Inama nshingamateka y'Uburundi yemeje ijana kw'ijana Gervais Ndirakobuca nk'umushikiranganji wa mbere. Yatowe n'abashingamateka bose 113 bari bitabiriye ibikorwa vyo kumusubiririza. Asubiriye Alain Guillaume Bunyoni yari muri ayo mabanga kuva mu 2020.

Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Evariste Ndayishimiye, yari yarungikiye izina rimwe rudende rya Gervais Ndirakobuca, inama nshingamteka kugira bemeze canke bahakane ko yosubirira Bunyoni muri ayo mabanga.

Zimwe mu mpari zabaye mu kwemeza umushikiranganji wa mbere Ndirakobuca, harimwo ko abashingamateka batumvikanye ku kungene itora ryogenda: Bamwe bari bipfuza ko itora riba mw'ibanga ( Vote , abandi nabo bagasaba ko ryoba ku mugaragaro.

Imbere y'ukwemeza Gervais Ndirakobuca nk'umushikiranganhji mushasha wa mbere w'Uburundi, umwe mu bashingamateka yabajije umukuru w'inama nshingamateka nimba Bunyoni yatanze imihoho, canke avanywe muri uwo mwanya kubera reta "itakimwizeye". Na we asubiza ati:" Prezida atunganya inzu yiwe uko avyipfuza."

Umushingamateka Agathon Rwasa, akaba n'umukuru w'umugambwe utavuga rumwe n'ubutegetsi bwo mu Burundi, CNL, yabwiye abamenyeshamakuru ko prezida afise uburenganzira bwo gusubiriza umushikiranganji wa mbere, ariko amusaba ko reta nshasha iza gushingwa yoba reta irimwo bose.

Gervais Ndirakobuca yari asanzwe ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere ry'amakomine n'umutekano. Asubiriye Alain Guillaume Bunyoni inyuma yaho umukuru w'igihugu c'Uburundi avugiye ku mugaragaro ko hariho bimwe mu bicocoro vyo mu mugambwe uri ku butegetsi bifise umugambi wo kumuhirika. Naho Prezida Ndayishimiye atameneye inda ku rukumu ngo adudurireko yemeza ko uwo yatunga agatoke yari Bunyoni, abegereye izo mpande zose bemeza ko uwa mbere mu bikekwa yari Bunyoni.

Prezida Evariste Ndayishimiye yasubirije kandi umuyobozi mukuru ajejwe ivya gisivile mu biro iwe, Gabriel Nizigama. Binugwanugwa ko Nizigama ari we ahava aca aja mu mabanga Ndirakobuca yarimwo. Gabriel Nizigama yasubirijwe na Koloneli Aloys Sindayihebura, yari asanzwe ajejwe ivy'iperereza ry'igihugu mu biro bijejwe amaperereza (SNR).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG