Uko wahagera

Ubumwe bwa Buraya Bwahanaguye Ibihano Bwafatiye Gervais Ndirakobuca


Gervais Ndirakobuca
Gervais Ndirakobuca

Ubumwe bwa Buraya bwatangaje ko bwahanaguye ibihano bwari bwafatiye umushikiranganji wa mbere mushasha w'Uburundi, Gervais Ndirakobuca, kuva mu mwaka wa 2015. Uwo muryango uvuga ko ari umwimbu w'ibiganiro bikomeye vyo kunagura imigenderanire.

Mw’itangazo ryasohowe n’ibiro vy’ubuserukizi bw’ubumwe bwa Buraya mu Burundi rigaca ku rubuga rwa Twitter ni ho iyo ngingo yamenyekaniye ubwa mbere kuri uyu wa kabiri.

Urwandiko ruto mperekeza rw’iryo tangazo rwerekana ko iyi ngingo yo gukura ibihano kuri Gervais Ndirakobuca, umushikiranagni wa mbere w’Uburundi yafashwe kw’itariki ya mbere uku kwezi ikaba yemejwe n’akanama k’ubumwe bwa Buraya. Ariko ingingo nyezina yasohotse kuri uyu wa mbere.

Ubuserukizi bw’ubumwe bwa Buraya bwavuze ko iyi ngingo ari umwimbu w’ibiganiro bikomeye hagati y’Uburundi n’uwo muryango maze busezeranya gufata mu mugongo Uburundi mu migambi yose n’utwigoro ico gihugu gifise mu kuzana impinduka.

Ijwi ry’Amerika rikimenya ino nkuru ryahaye micro bamwe mu banyagihugu bo mu ntara ya Cibitoke mu buraruko bushira uburengerio ahaturuka bwana Ndirakobuca. Abo twavuganye akamwemwe karabasya.

Naho banezerewe, Carina Tertsakian wo mw’ishirahamwe IDHB rikora amatohoza ku Burundi we avuga ko bigoye gutahura ico ubumwe bwa Bulaya bwahereyeko bufata iyo ngingo. Uku ni ko yabidusiguriye kuri terefone.

"Turaciwe intege n’iyo ngingo y’ubumwe bwa Buraya yo gukura ibihano kuri abo bantu bavugwa mu vyaha bikomeye mu Burundi. Twibaza ko ari ingingo itizwe neza idaha agaciro ukudahana kwimakajwe mu Burundi. Biragoye no kumenya ico ubumwe bwa Buraya bwafatiyeko kubera imyitwarariko yose ibihano vyari bihagazeko iracari ya yindi. Ingingo yo guhanagura ibihano kuri abo bategetsi babiri bo ku rwego rwo hejuru vyerekana ko uwo muryango utacitayeho na gato amabi akorwa mu Burundi. Biri mu mukenyuro wo gutera intege Reta ya Prezida Evariste Ndayishimiye, umukenyuro wizwe nabi rwose”, ni ko asigura.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:44 0:00

Kassim Abdoul, umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga yibaza ko ubumwe bwa Buraya bwabanje gushishoza bihagije. Maitre Christian Ntakirutimana atwara urunani rw’abanyamategeko Raja-Burundi amenyesha ko ubumwe bwa Buraya busa n’ubwivuguruje. Gusa arabushimira. Ariko Gerard Hakizimana atwara ishirahamwe Folucon F riri mu bamaze imyaka irenga 6 basaba ko bino bihano bivanwaho abibona ukundi. Athanase Karayenga, umuhinga mu bijanye no kumenyesha amakuru asanga inyungu nini zifise ubumwe bwa Buraya kurusha Uburundi.

Carina Tertsakian yibaza ko Uburundi bubereye imfura ibindi bihugu vyahora biterwa ubwoba n’ibihano vy’ubumwe bwa Buraya. Ku bwiwe nta bategetsi bazongera gusurutishwa na bene ivyo bihano.

"Iyi ngingo ije kunyoha ingingo zose z’ubumwe bwa Buraya muri rusangi. Ayandi mareta ahonyanga ubwigenge azogira ati reka tubihe igihe kirekire ubumwe bwa Buraya buzisubirako dusubukurure imigenderanire nk’uko ata cigeze”.

2015
2015

Umwe mu bari mu biro vy’umunyamabanga mukuru w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD yabwiye Ijwi ry’Amerika mu butumwa bwanditse ati” Iyo ngingo bayifashe batatubajije bayikuye tutabisavye”.

Nayo Clementine de Montjoye, umushakashatsi ku mugabane wa Afrika muri Human Rights Watch yagereranije ingingo y’ubumwe bwa Buraya n’urushi rwo mu gahanga rukubiswe abahuye n’amabi yakozwe musi y’uburongozi bw’umushikiranganji wa mbere. Ku rubuga rwa Twitter, umushikirangani w’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu Albert Shingiro yishimiye ingingo avuga ko ari nk’ishitswa ry’urugamba rw’ibiganiro biatgira uburyarya kandi birimwo ukwizerana.

Mu mpera z’ukwezi guheze, Prezida Evariste Ndayishimiye yari yatangaje ko indongozi z’ubumwe bwa Buraya zamusezeranije gukura ibihano ku bafasha biwe.

Ibi bihano vyahanaguwe vyari vyafashwe mu kwezi kwa cumi 2015. Vyari vyerekeye Jenerali Godefroid Bizimana, ico gihe yari icegera c’umuyobozi mukuru w’igipolisi c’u Burundi, Gervais Ndirakobuca yari umuhanuzi mwishikira mu biro kwa perezida Pierre Nkurunziza ajejwe ibibazo vy’igipolisi. Aba bagabo babiri bose baturuka mu ntara imwe ya Cibitoke.

Uwugira gatatu ni Jenerali Leonard Ngendakumana yahoze ari mu bayobozi b’iperereza ry’Uburundi imbere y’uguhunga igihugu muri 2015 yagirizwa gushaka guhirika ubutegetsi. Uko ari abatatu bahoze ari intwazangabo mu muhari w’inyeshamba z’Abahutu wa CNDD-FDD. Ubu bemerewe kuja ku mugabane wa Buraya ata nkomanzi.

Umuntu umwe ni we ubumwe bwa Buraya bwagumijeko ibihano. Ni umukozi w’ibiro vy’iperereza ry’u Burundi yitwa Mathias Joseph Niyonzima azwi kw’izina rya Kazungu. Uwo nawe yagirizwa kuba arumwe mu bantu bahaye imyimenyerezo ya gisirikare urwaruka rw’umugambwe CNDD FDD imbonerakure haba ku butaka bw’u Burundi no hanze y’igihugu.Abo nabo ishirahamwe rya Buraya rikemeza ko bagize uruhara rukomeye mukwankiriza abatavuga rumwe n’ubutegetsi.

Gervais Ndirakobuca ubumwe bwa Buraya bumusanganiye nk’uko Reta zunze ubumwe z'Amerika yabikoreye Alain Guillaume Bunyoni aheruka gusubira kuko muri 2020 akija mu mabanga zaciye zimutezurira ibihano. Bose bagirizwa ivyaha bimwe birimwo ubwicanyi, uguhohotera kiremwa muntu no guhamagarira abantu gukoresha inguvu n’igikenye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG