Uko wahagera

Jenerali Bunyoni Yumvirijwe na Sentare Ntahinyuzwa y'Uburundi


Alain-Guillaume Bunyoni
Alain-Guillaume Bunyoni

Jenerali Alain Guillaume Bunyoni yahora ari umushikiranganji wa mbere w'Uburundi yaburanye kw'ifungwa n'irekurwa kuri uyu wa Gatanu. Yumviririjwe na sentare ntahinyuzwa muri gereza ya Gitega.

Igihe c’isaha zitanu z’agatondo ni ho yatangura kumvirizwa nk’uko amasoko y’Iwi ry’Amerika yabitubwiye. Mubacamanza bamwumviriie harimwo Emmanuel Gateretse, umukuru wa sentare ntahinyuzwa y’Uburundi.

Ni urubanza rwumvirijwe mu mwiherero nk’uko izindi manza zose ziburanisha kw’ifungwa n’irekurwa vy’agateganyo zigenda mu Burundi.

“Abacamanza bagishika hari abakozi batari bake b’iperereza. Baroye muri komisariya kurondera abapolisi isinzi. Baciye baza barakubura, nta n’umuntu wa kirazira yahasigaye, yewe n’abakozi b’ikigo OBUHA kijejwe inyubako bariko barakora imirimo yo gusanura ibohero rya Gitega, bose basohowe ubutarariye”, ni ko ababibonye babwiye Ijwi ry’Amerika.

Bamwe mu bamenyeshamakuru bo ku murwa mukuru wa Politike bariye umutima amenyo barahaguma. Naho abapolisi bashatse kubirukana, bwana Gateretse atwara sentare ntahinyuzwa yabibukije ko amategeko y’igihugu abemerera gukurikirana imanza.

“ Gusa yatwibukije ko mu manza zose zo mu gisata ca chambre de conseil imanza zama ziba mu mwiherero adusaba kuzorindira umusi hazoba intahe y’icese buri wese yemerewe gukurikirana maze aratureka tuguma hanze y’ibohero’. Ni ko umwe mu bamenyeshamakuru bari bahari atashimye ko umwidondoro wiwe umenyekana yabwiye Ijwi ry’Amerika.

Jenerali Bunyoni
Jenerali Bunyoni

Aho bamwe mu bakunzi b’Ijwi ry'Amerika bari bahagaze ntihari kure y’imodokari yarimwo umukobwa wa Jenerali Bunyoni yari yaje gukurikirana iyumvirizwa rya se ari kumwe n’umushoferi n’umwe mu bamucungera ubuzima.

Uwo mukobwa yarungitswe ku metero 500 uvuye ku mwango w’urwinjiriro rw’ibohero rya Gitega, nk’uko amasoko yacu yabitubwiye.

Ingingo y’umucamanza ibwirizwa kumenyekana mu masaha 72 hisunzwe igitabu mpanavyaha c’Uburundi. Ico gihe ni bwo bizomenyekana niba uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Uburundi azokomeza kuburana yidegemvya canke naho ari mu munyororo.

Ariko hakurikijwe amakuru Ijwi ry’Amerika rifise azokomeza afunzwe kubera n’ikibanza yazanywemwo mw’ibohero rikuru rya Gitega catunganijwe ku buryo bigoye cane canke bidashoboka ko hari uwohatoroka.

I ruhande y’icumba ciwe hari abapolisi benshi bari mu kindi cumba batamucungereye ubuzima nk’uko vyahora ahubwo bama barikanuye kugira ntakakaze.

Kuri uyu wa kane mw’ijoro, abandi bagabo babiri bakurikiranwa muri dosiye imwe na Bunyoni barungitswe mw’ibohero rikuru rya Ngonzi aho yahora.

Ni Koloneli Desire Uwamahoro yahoze atwara igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko hamwe na Samuel Destino Mfuranzima yahora atwara igendereza mu ntara ya Makamba mu bumanuko.

Uwa mbere yahora afungiwe i Gitega yari yiriwe arumvirizwa hamwe na Come Niyonsaba yahoze ajejwe kubakira Alain Guillaume Bunyoni. Bumviriijwe ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura maze Niyonsaba asubizwa mw’ibohero rikuru rya Gitega aho shebuja abohewe.

“Bunyoni afise uruhusha rwo kwakira abashitsi no kurabwa mw’ibohero ku misi ya mbere, ya gatatu niya gatanu. Bazoronswa iminota iri hagati ya 5 na 15 kandi ni abo mu muryango wiwe bonyene bemerewe kuzomugendera. Ni abana n’umukenyezi wiwe gusa’, ni ko amasoko yegereye ibiro bikuru vy’amabohero yemereye Ijwi ry’Amerika.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:43 0:00

Umunyamategeko Janvier Bigirimana atwara ishirahamwe Tournons La Page-Burundi afise umwitwarariko ko Jenerali Bunyoni atazohabwa ubutungane bukwiriye.

Bigirimana avuga ko ubutungane bw’Uburundi bwari bukwiye gukurikirana Bunyoni ku vyaha yikekwako ata ana kimwe kivuyemwo mugabo bukabikora ata gitsure.

Ubutungane bw’Uburundi bwatangaje mu mpera z’ukwa gatanu ko Jenerali Bunyoni akurikiranwa ku vyaha bitatu nyamukuru: uguhungabanya umutekano w’igihugu, uguhungabanya ubutunzi bw’ibihugu no kurondera inyungu zidaciye mu mategeko yishimikije amabanga yari afise.

Mu misi iheze, umuvugizi wa sentare ntahinyuzwa yavuze ko kuri ibi vyaha hiyongereyeko ugutuka umukuru w’igihugu no gutunga ibirwanisho adafitiye uburenganzira.

Ibi vyaha bishobora guhanishwa umunyororo w’imyaka 30 hisunzwe igitabu mpanavyaha c’Uburundi.

Forum

XS
SM
MD
LG