Prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelenskyy yasinye itegeko rya prezida kuri uyu wa kabiri rivuga ko kuganira na prezida w’Uburusiya Vladimir Putin bitagikunda, inyuma y’aho Uburusiya bwigaruriye intara zine za Ukraine.
Umuvugizi wa prezidanse y’Uburusiya, Dmitry Peskov, nawe yabwiye abamenyeshamakuru ko Uburusiya bukirindiriye gushika aho Prezida Zelenskyy azohindurira ivyiyumviro canke kugeza Ukraine ironse uwundi muprezida mushasha.
Hambavu y’ivyo, prezidanse ya Amerika, White House, yavuze ko Prezida Joe Biden yemereye Prezida Zelenskyy mu kiganiro bagiraniye kuri telefone, ko Amerika itazigera yemera kuba Uburusiya bwarigaruriye izo ntara.
Prezida Biden yavuze kandi ko Amerika yiteguye gufatira ibihano ruhasha abantu bose, amashirahamwe, canke igihugu, vyagize uruhara mu gushigikira uko kwigarurira ubutaka bwa Ukraine.
Prezida Biden yabwiye uyo mutegetsi wa Ukraine ko Amerika igiye kurungikira reta ya Ukraine izindi mfashanyo za gisirikare ziciye imiriyoni 625 z’amadolari.
Mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri, sena y’Uburusiya nayo yatoye iremeza ko izo ntara zine za Ukraine zegukiye Uburusiya.
@AP, AFP, Reuters.
Facebook Forum