Uko wahagera

Amerika Yemereye Ukraine Izindi Mfashanyo za Gisirikare Ziciye Imiriyoni $625


Imfashanyo za Amerika muri Ukraine

Reta zunze ubumwe za Amerika itegekanya kurungikira Ukraine imfashanyo nshasha igizwe n’ibikoresho vya gisirikare bifise agaciro k’imiriyoni 625 z’amadolari.

Iyi mfashanyo itegekanijwe gutangazwa kuri uyu wa kabiri. Izoba ibaye imfashanyo ya mbere Amerika ihaye Ukraine kuva Uburusiya butangarije ko bwiyometseko intara zine za Ukraine. Ni imfashanyo zigize kabiri kandi kuva Ukraine itangaza ko yigaruriye uturere ku rubuga rw’intambara, hagati mu kwezi kw’icenda.

Mu ndwi iheze, Amerika yatangaje iyindi mfashanyo ya gisirikare kuri Ukraine ifise agaciro k’umuriyaridi 1.1 w’amadolari.

Iyi mfashanyo nshasha itangajwe iciye ishikana ku miriyaridi zirenga 16.8 z’amadolari Amerika imaze gufashisha Ukraine mu vya gisirikare kuva Uburusiya butera mu kwezi kwa kabiri itariki 24.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG