Uko wahagera

Amerika Isaba Abanyamerika Kuva mu Burusiya Badatevye


Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu muri Amerika bwashikirije amakenga kuri uyu wa gatatu ku banyamerika bafise n’ubwenegihugu bw’Uburusiya ko bashobora gusabwa kuja kurwana muri Ukraine ku ruhande rw’Uburusiya.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko Uburusiya bushobora guhakana ubwenegihugu bwabo nk’abanyamerika, kubabuza kuja kurondera ubufasha muri ambasade, kubabuza kuva mu Burusiya no kubatwara ku rugamba.

Busaba abanyamerika kwirinda kuja mu Burusiya muri iki gihe kandi uwusanzweyo asabwa gutaha bidatevye mu gihe habonetse indege zitwara ingenzi.

Amerika isaba abanyamerika bari mu Burusiya bipfuza kuvayo ko bovyikorera ku gatwe kabo vuba bwango kuko ambasade idafise uburyo bwo kubafasha. Baranabuzwa kugira uruhara mu myiyerekano iyo ariyo yose, yaba iya poritike n’iyindi.

Abategetsi b’Uburusiya baramaze guhagarika abafise ubwenegihugu bw’Uburusiya bagiye mu myiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG