Uko wahagera

Abashingamateka mu Burusiya Bemeje ko Uburere 4 bwa Ukraine Bubaye ubw'Uburusiya


Abashingamteka b'Uburusiya mu bikorwa vyo kwemeza ko uburere bwa Ukraine ( Luhansk, Donetsk, Kherson na Zaporizhzhia) ubu bwegukira Uburusiya
Abashingamteka b'Uburusiya mu bikorwa vyo kwemeza ko uburere bwa Ukraine ( Luhansk, Donetsk, Kherson na Zaporizhzhia) ubu bwegukira Uburusiya

Mu Burusiya, abashingamateka bemeje ko uburere bune bwa Ukraine ico gihugu cigaruriye kuwa gatanu ari ubwabwo.

Ubwo burere ni Luhansk, Donetsk, Kherson na Zaporizhzhia. Uburusiya busigura ko mu kwigarurira ubwo burere bune bwa Ukraine, bwabanje bubaza abanyagihugu babwo, bishura bavuga ko bipfuza kwegukira ico gihugu. Ukraine yo yamara yumvikanisha ko ico Uburusiya bwita amatora, cabaye ku gahato n’igitsure kandi abanyagihugu b’ubwo burere batipfuza kwegukira Uburusiya.

Ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, ribicishije ku munyamabanga mukuru waryo, Antonio Guterres, ritangaza ko ivyo Uburusiya bwakoze bihonyanga amategeko agenga ONU na mpuzamakungu.

Hagati aho, Prezida wa Ukraine yemeza ko ingabo ziwe zateye intambwe ishimishije mu kwisubiza bumwe mu burere Uburusiya bwari bwarigaruriye. Naho atatomoye aho ingabo ziwe zisubije, yemeje ko ari henshi agira ati: “ Ibibanza vyinshi vyari vyegeranirijwemwo abantu vyabohowe, ingwano zikaze ziriko ziraba mu micungararo myinshi.”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG