Uko wahagera

Prezida Putine Yemeje Ukwikukira Kw'Intara Zibiri za Ukraine


Ukraine
Ukraine

Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin yemeje ukwikukira kw’intara za Ukraine Zaporizhzhia na Kherson mu bumanuko bwa Ukraine. Ibi biri mw’itegeko rya prezida ryasohotse ku mugoroba w’ejo kuwa kane.

Ni mu gihe Uburusiya buriko bwitegura kurangiza ishirwa mu ngiro ryo kwiyegurira izo ntara zibiri, haruhande y’izindi Donetsk na Lugansk zitangazwa kuri uyu wa gatanu.

Uburusiya bwavuze ko bufatanya izo ntara zine ku mugaragaro mu birori bitegekanijwe I Moscou kuri uyu wa gatanu.

Umuvugizi wa perezidanse y’Uburusiya, Dmitry Peskov, yabwiye abamenyeshamakuru ko kwiyomekerako izo ntara bizoba ku mugaragaro muri ivyo birori kandi Prezida Putin azoshikiriza ijambo rihambaye.

Abategetsi b’izo ntara zine bashizweho n’Uburusiya baza bari ku murwa mukuru Moscou kuri uyu wa kane kwitegurira ivyo birori.

Ukraine yavuze ko inyishu kuri iyo ngingo y’Uburusiya ar’uko Uburusiya bwofatirwa ibindi bihano kandi abasirikare ba Ukraine bakongerwa ibirwanisho kugira babandanye kwisubiza ubutaka bwabo.

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden yavuze kuri uyu wa kane ko Amerika itazokwigera yemera iyo ngingo y’Uburusiya. Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres yamiriye kure uwo mugambi, avuga ko ari ingendo itagira ikibanza mw’isi y’iki gihe.

Izo ntara zine Uburusiya bwigaruriye ni Kherson na Zaporizhzhia ziri mu bumanuko, Donetsk na Lugansk mu buseruko.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG