Uko wahagera

Ukraine n'Abarwanyi Bashigikiwe n'Uburusiya Bagirizanya Agasomborotso


Abarwanyi ba Ukraine bashigikiwe n'Uburusiya
Abarwanyi ba Ukraine bashigikiwe n'Uburusiya

Ukraine hamwe n’umurwi w’abarwanyi bashigikiwe n’Uburusiya, bariko baragiranya ibitero vyo gusomborotsa intambara ku birindiro vyabo.

Ivyo birego vyashikirijwe uyu musi ku wa kane n’impande zose, birateye amakenga muri iki gihe ibihugu vyo mu burengero biriko vyagiriza Uburusiya ko bwiteguriye gutera Ukraine igihe ico ari co cose.

Ido n’ido y’ivyo birego vyo kurasana hagati ya Ukraine n’uyo murwi witwaje ibigwanisho, ntibiramenyekana, yamara amakuru ariko aratangazwa avuga kw’ivyo bitero birenze ku masezerano y’agahengwe muri ico gice co mu buseruko bwa Ukraine, amaze imyaka umunani.

Uyo murwi ushigikiwe n’Uburusiya uharanira kwiyonkora urega abasirikare ba reta ko ari bo batanguye kurasa incuro zine ku butaka bwabo, mu gihe Ukraine irega abo bagwanyi ko ari bo barashe ubwa mbere ku bibanza bitari bike birimwo ishure ry’abana.

Reta ya Ukraine hamwe n'ibihugu bicuditse vyo mu burengero vyarareze Uburusiya mu ndwi ziheze ko bushobora kwitwaza amatati hagati ya Ukraine n’abashaka kwiyonkora mu gutera Ukraine. AP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG