Uko wahagera

Amerika Yemeza ko Uburusiya Bucipfuza Gutera Ukraine


Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, Lloyd Austin,
Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi muri Reta zunze ubumwe z'Amerika, Lloyd Austin,

Umushikiranganaji ajejwe kwivuna abansi wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Lloyd Austin, yatangaje uno musi ku wa kane ko Uburusiya buriko burondera icitwazo kugira butere Ukraine. Ni inyuma y'amakuru avuga ko vya muzinga vyarashwe mu birindiro vya Ukraine hafi y'ibice birimwo abashaka kwiyonkora kuri ico gihugu bari mu buseruko bwaco.

Austin yabwiye abamenyeshamakuru inyuma yuko abonanye n’abashikiranganji bajejwe kwivuna abansi b’ishirahamwe OTAN ko bamaze igihe bamenyesha ko Uburusiya bushobora gukora ibintu nk'ivyo kugira buronke icitwazo c’ugutangura intambara.

Amenyesha ko ivyo babona ari uko Uburusiya buriko bwongereza inteko zabwo ziyongera ku zirenga 150.000 buza bwakoranirije ku rubibe na Ukraine. Atangaza ko ibintu nk’ivyo bitaba mu gihe Uburusiya buvuga ko buriko bukura inteko zabwo ku rubibe na Ukraine. Avuga ko bazobandanya gukwirikiranira hafi uko ibintu vyifashe.

Atangaza ko Uburusiya bwabandanije kwongereza inteko zabwo hamwe n’ukwitegurira ingwano ku rubibe rw’igihugu ca Ukraine naho abategetsi b’Uburusiya bavuga ko bariko barakura inteko z’igihugu cabo kuri urwo rubibe. Bagumye bahakana ko bariko bategura gutera Ukraine.

Prezida wa Ukraine, Volodymur Zelensky yamenyesheje ko vya muzinga vyarashwe uno musi ku wa kane vyaguye kw’ishure y’abana bakiri bato, ko ako ari agasomborotso. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG