Uko wahagera

Uruhagarara Kuri Ukraine Rwoba Rugiye Gucureha


US-RUSSIA-UKRAINE-CONFLICT-DIPLOMACY
US-RUSSIA-UKRAINE-CONFLICT-DIPLOMACY

Uburusiya bwavuze kuri uyu wa mbere ko bugumije bwuguruye umuryango w’ibiganiro ku ruhagarara bufitaniye n’ibihugu vyo mu burengero bw'isi. Bwavuze kandi ko imyimenyerezo ya gisirikare igiye guhagarara kandi ko icuka kibi kuri Ukraine kigiye gucureha.

Mu gihe abategetsi bo mu bihugu vyo mu burengero bw’isi bagabishije ko ku musi wa gatatu Uburusiya bushobora gutangura gutera Ukraine, perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yatangaje kuri televiziyo ko uwo musi uzokwitwa “Umusi w’Ubumwe”.

Perezida Vladimir Putin, umushikiranganji wiwe w’imigenderanire hamwe n’uwo kwivuna abansi bashikiriza amajambo atanga icizere ko hagiye kuba ituze. Ariko ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi bwavuze ko abasirikare b’Uburusiya babandanya kwiyongera ku rubibe na Ukraine.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji John Kirby yavuze ko bataremeza neza nimba Uburusiya bwarafashe ingingo ya nyuma yo gutera.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG