Uko wahagera

Amerika Yemeza ko Uburusiya Bushobora Gutera Ukraine ku wa Gatatu


I Buryo: Prezida w'Amerika Joe Biden, i Bumbamfu, Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin
I Buryo: Prezida w'Amerika Joe Biden, i Bumbamfu, Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin

Prezida wa Reta Zunze ubumwe z’Amerika, Joe Biden, ejo ku wa gatandatu yarasubiye kugabisha mugenzi wiwe w’Uburisiya Vladimir Putin, ko ari nka hamwe Uburisiya bwotera Ukraine bwokwimba bwigera ku ngaruka zikaze butazokwitura buzogira.

Mw’itangazo ibiro vy’umukuru w’igihugu aha muri Amerika, White House, vyasohoye, vyavuze ko mu kiganiro co kuri terefone camaze amasaha abiri n’iminota ibiri, Biden yagabishije Putin amubwira ko naho Amerika kumwe na ba somambike bayo biteguye gufasha gutora umuti biciye mu nzira ya diplomasiya, hari n’izindi nzira zitazoba nziza ku Burusiya biteguriye gucamwo ari nka hamwe Uburusiya bwotera Ukraine.

Prezida Joe Biden na Putin bavuganye kuri terefone mu gihe icuka kibandanya kuba kibi cane hagati y’Uburusiya na Ukraine: Uburusiya bubandanya kwongereza igitigiri c’ingabo ku zigera ku bihumbi 100 bufise ku mipaka buhana na Ukraine.

Yury Ushakov umuhanuzi mukuru wa Putin mu vya politike mpuzamakungu yemeje ivy’ikiganiro ca sebuja na Biden avuga ko Biden ivyo yavuze ata gishasha kirimwo, kandi ko umuti Amerika iriko iratanga ku bibazo vy’Uburusiya na Ukraine binyuranye n’inzira Uburusiya bwifuza gucamwo mu gutorera inyishu bufitaniye na Ukraine. Ushakov abandanya asigura ko yaba Biden canke Putin bose bemeranije ko bagiye kubandanya bavugana.

Ku kibazo co kumenya ico Yury Ushakov yibaza ku bivugwa ko Uburusiya busigaje umwanya muto bukavogera Ukraine mu kuyitera yagize ati: “ Ubwoba ataco bushingiyeko bubageze habi”. Amerika yo yamara yemeza ko amakuru yo kwizera ivana mu bajejwe amaperereza yerekana ko Uburusiya bushobora gutera Ukraine bitarenze ku wa gatatu w’indwi iza. Umwe mu bategetsi ba Amerika nawe yavuze ko ikiganiro carinze gihera Putin aterekanye ishaka ryiwe ryo gutora umuti wa diplomasiya.

Hagati aho, Amerika ija yaramaze kugara ubuserukizi bwayo i Kyiv ku murwa mukuru wa Ukraine, yongera itahukana abakozi nka bose bayo bari i Kyiv. Australiya na Canada navyo vyatangaje ko biza kugara Ambassade zavyo i Kyiv mu gihe Ubwongereza, Ubudagi n’Ubuholande bisaba abanyagihugu bavyo gukinjura bidatevye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG