Uko wahagera

Ubufaransa Bwizera ko Imishamirano ya Ukraine n'Uburusiya Igiye Guhera


Amafoto ya Prezida wa Ukraine, uw'Ubufaransa n'uw'Uburusiya
Amafoto ya Prezida wa Ukraine, uw'Ubufaransa n'uw'Uburusiya

Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron, yatangaje uno musi ku wa kabiri ko abona ko hariho muri iki gihe uburyo bw'uguhwamika imishamirano hagati ya Ukraine n'Uburusiya. Ni inyuma y'uko agiranye ibiganiro n'abakuru b'ivyo bihugu vyompi.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma yuko agiranye ibiganiro na prezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, ku murwa mukuru, Kiev, Macron yatangaje ko yemera ko kugira intambwe mu biganiro ari ibintu bishoboka. Prezida Macron avuga ko bafise akaryo muri iki gihe k’ugutuma ivyo biba.

Prezida Zelensky, na Prezida, Vladimir Putin, batangaje ko bakibandanya kwiyemeje ku masezerano yapfunditswe mu mwaka w’i 2015 ku bijanye n’intambara y’abashaka kwiyonkora muri Ukraine bari mu buseruko bw’igihugu.

Prezida Macron avuga ko bashobora kugira intambwe mu ntumbero y’uguhwamika icuka kibi hagati y’Uburusiya n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi bifatiye ku ngingo y’Uburusiya y’ugukoraniriza inteko nyinshi ku mbibe z’igihugu ca Ukraine.

Amenyesha ko yamara badashobora gutorera inyishu ikibazo ca Ukraine mu masaha makeyi y’ibiganiro.

Atangaza ko imisi, indwi, n’amezi abiri imbrere arivyo bishobora kuzotanga akaryo k’ukugira izo ntambwe. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG