Uko wahagera

Amerika n'Ubudagi Bemeranije Kugira Urunani ku Kibazo c'Uburusiya


President Joe Biden, right, gestures during a meeting with German Chancellor Olaf Scholz in the Oval Office of the White House, in Washington, Feb. 7, 2022.
President Joe Biden, right, gestures during a meeting with German Chancellor Olaf Scholz in the Oval Office of the White House, in Washington, Feb. 7, 2022.

Perezida wa Reta zunze ubumwe Joe Biden hamwe na Shanseliye w’Ubudagi Olaf Scholz babonanye muri perezidansi ya Amerika, White House, kuri uyu wa mbere. Ibiganiro vyabo vyari bishimikiye ku twigoro two kuburizamwo ibitero Uburusiya bushobora kugira kuri Ukraine.

Shanseliye Scholz yabwiye abamenyeshamakuru ko Ubudagi bwifatanije n’abari mu muryango OTAN mu guhangana n’agasomborotso k’Uburusiya. Yavuze ko inyishu izotangwa ku kagagazo k’Uburusiya izofatirwa muri urwo runani kandi izoba ikomeye.

Ibi bihugu bibiri vyo muri OTAN vyiyemeje kandi kwongereza inguvu mu birindiro vy’inteko za OTAN ziri mu buseruko bw’uwo muryango, aho Amerika yemeye kurungika abandi basirikare muri Polonye na Rumaniya.

Haruhande y'ibi, perezida w’Uburusiya Vladimir Putin yavuze ko yiteguye gushika ku mwumvikano kandi ko agiye kwihweza neza ivyiyumviro vyatanzwe na perezida w’Ubufaransa Emmanuel Macron mu kiganiro bagiranye kuri uyu wa mbere. Ariko Perezida Putin aracata umwikomo ku bihugu vyo mu burengero kuba arivyo biriko bitera uruhagarara ku kibazo ca Ukraine.

Perezida Macron yabaye perezida wa mbere ahuye na Putin kuva urwo ruhagarara rutangura mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru, Perezida Putin yashimiye mugenzi we w’Ubufaransa kubona yagiye i Moscou. Ariko ntibavuze ivyavuye muri uyo mubonano ariko bemeranije kuzobandanya bavugana kuri terefone.

Abandi bitezwe kuzoja kubonana na perezida Putin ni umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire hamwe n’uwujejwe kwivuna abansi mu mpera z’iyi ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG