Uko wahagera

USA Yarungitse Abasirikare 1700 muri Polonye kuba Magabo kuri Ukraine


Abasirikare ba Mali kw'ikambi ya Fort Bragg muri Carolina ya ruguru bafashe indege ibashikana muri Ukraine, kw'itariki ya 3/2/2022
Abasirikare ba Mali kw'ikambi ya Fort Bragg muri Carolina ya ruguru bafashe indege ibashikana muri Ukraine, kw'itariki ya 3/2/2022

Abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika bangana 1700 barashitse muri Polonye kuri uyu w’Imana gufasha mu ruhagarara rw’intambara ishobora kwaduka hagati y’Uburusiya na Ukraine. Komanda arongoye izo nteko avuga ko bagiye guhangana n’intambara iyo ayi yo yose yokwaduka hamwe no kurwanira Ishirahamwe OTAN mu gihe vyokenerwa.

Amerika mu ndwi iheze yaratangaje irungikwa ry’abasirikare b’inyongera 3.000 mu Budagi no mu buseruko bwa Buraya. Amerika yavuze ko ari mu twigoro twotuma Uburusiya bukura abasirikare babwo barundanye ku rubibe rwa Ukraine.

Amerika kandi yatangaje ko iriko ishira abasirikare 8500 haruhande bameze magabo gufasha inteko za OTAN mu gihe Uburusiya bwotera Ukraine.

Ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyagiriza Uburusiya kuba buriko burategura gufata Ukraine mu kurundanya abasirikare barenga 100.000 ku rubibe buhana na Ukraine.

Uburusiya bubandanya buhakana ibi bwagirizwa, mu kuvuga ko ico bukeneye ari gucungera umutekano wabwo kandi bukagiriza ishirahamwe OTAN kuba mu mugambi wo kwiyagurira imbibe. @ AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG