Uko wahagera

USA Yemeye Kurungika Izindi Ngabo 2000 mu Burengero bwa Buraya


Zimwe mu ngabo z'Amerika

Prezida wa Reta zunze ubumwes za Amerika, Joe Biden, yemeye kurungika izindi nteko 2000 mu karere ko mu Bulaya bwo mu buseruko kwongereza inguvu z'ibihugu bigize ishirahamwe OTAN. Ni mu gihe hari impungenge ko Uburusiya bushobora gutera igihugu ca Ukraine.

Abategetsi ba reta ya Amerika batangaje ko abo basirikare bazorungikwa muri Polonye mu gihe izindi nteko zizorungikwa mu bumanuko bushira ubuseruko bw’Ubulaya.

Inteko zigiye muri Polonye zizoba zirungitswe zivuye mw’ikambi y’igisirikare ya Fort Bragg, iri muri Reta ya Carolina yo mu buraruko. Ni mu gihe Prezida Biden azorungika muri Rumaniya hafi y’inteko 1.000 zari mu gihugu c’Ubudagi. Ivyo bihugu vyompi biri mw’ishirahamwe OTAN kandi bisangiye imbibe na Ukraine.

Umutegetsi akomeye wo mu bushikiranganaji bujejwe kwivuna abansi muri Amerika amenyesha ko izo nteko zamenyerejwe kandi ziteguriye ibikorwa bitari bike muri iki gihe kitoroshe.

Asigura ko irungikwa ryazo rijejwe gutuma Uburusiya budatera ibihugu bigize ishirahamwe OTAN.

Mu ndwi iheze, Reta y’Amerika yatangaje ko yategetse inteko 8.500 kuba magabo hamwe zokenerwa kwifatanya n’inteko 40.000 z’ishirahamwe OTAN zijejwe kwishura mu gihe hogira igihugu kiri muri iryo shirahamwe giterwa. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG