Uko wahagera

Uburusiya na Amerika Bahanganye muri ONU kuri Ukraine


Ambasaderi w'Uburusiya muri ONU Vasily Nebenzya mu kanama kajejwe umutekano i New York City, kw'itariki ya 31/01/2022
Ambasaderi w'Uburusiya muri ONU Vasily Nebenzya mu kanama kajejwe umutekano i New York City, kw'itariki ya 31/01/2022

Uburusiya na Reta zunze ubumwe za Amerika bateranye amajambo kuri Ukraine mu kanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano kuri uyu wa mbere. Ni mu gihe Ubwongereza na Amerika bagabisha gufatira ibihano akagwi k’abategetsi b’abatunzi b’Uburusiya mu gihe Ukraine yoterwa.

Perezida w’Ubufaransa, Emmanuel Macron na perezida w’Uburusiya Vladimir Putin na bo bongeye kuganira kuri terefone ku ncuro igira kabiri mu misi ine, mu twigoro turiko turakorwa n’ishirahamwe OTAN two kubuza Uburusiya gutera Ukraine.

Ambasaderi wa Amerika muri ONU, Linda Thomas-Greenfield yabwiye akanama ka ONU kajejwe umutekano ko Uburusiya bufise abasirikare barenga 100.000 ku mbibe buhana n’ibihugu bibanyi. Yavuze kandi ko Uburusiya butegekanya kwongereza ingabo zabwo muri Biyerorusiya mu misi iri imbere.

Ariko ambasaderi w’Uburusiya muri ONU, Vassily Nebenzia, yahakanye ivyo vyagiriji yongera avuga ko ata mutegetsi w’Uburusiya arigera avuga ko Ukraine izoterwa kandi ko abanya-Ukraine bariko barahendwa n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.

Perezidanse y’Ubufaransa ntiyavuze ivyavugiwe muri ico kiganiro na Perezida Putin, ariko bibaye umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’amakungu Antony Blinken nawe ategekanya kuganira ukundi gusha na mugenzi we w’Uburusiya Sergei Lavrov kuri uyu wa kabiri.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG