Uko wahagera

Ishirahamwe OTAN Ryemeje ko Ritazorungika Inteko muri Ukraine


Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, ku cicaro ca OTAN i Buruseli mu Bubirigi, kw'itariki ya 12/01/2022.
Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, ku cicaro ca OTAN i Buruseli mu Bubirigi, kw'itariki ya 12/01/2022.

Umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, yavuze kuri uyu w’Imana ko igisirikare c’uwo muryango ata mugambi gifise wo kurungika ingabo muri Ukraine mu gihe Uburusiya bwovogera ico gihugu cahoze muri Repubulika z’abasoviyete. Ariko Uburusiya na bwo bwavuze ko bukeneye gutomorerwa neza ingingo z’umutekano OTAN itegekanya gufata mu buseruko bwa Buraya.

Ibi ni inyuma y’aho ishirahamwe OTAN rirungikiye abasirikare muri bimwe mu bihugu birigize bihana imbibe n’Uburusiya, ku bwoba bw’uko Uburusiya bushobora gutera Ukraine. Uburusiya bufise abasirikare barenga 100.000 hamwe n’ibirwanisho ku mupaka wa Ukraine mu gice c’ubuseruko.

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, John Kirby, yabwiye Televiziyo “Fox News” yo muri Amerika kuri uyu w’Imana ko Uburusiya bushobora gutera Ukraine umwanya uwo ari wo wose. Kirby yavuze kandi ko perezida w’Uburusiya, Vladimir Putin abandanya kwongereza abasirikare ku rubibe na Ukraine.

Perezida wa Amerika, Joe Biden hamwe n’abandi bategetsi b’ibihugu vyo mu burengero bw’isi barushirije kugabisha ko ata nkeka bazofata ibihano ruhasha vy’ubutunzi ku Burusiya mu gihe bwotera Ukraine.

Kirby yavuze ko adashigikiye ko ivyo bihano bifatwa ata kiraba nkuko Ukraine ibisaba, kandi yanse kuvuga igisata c’ubutunzi c’Uburusiya ivyo bihano bizotumbera.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG