Uko wahagera

Amerika n'Uburaya mu Runani rwo Kurwanira Ukraine


Perezida Joe Biden avugana na bagenzi we ba Buraya ku kibazo c'Uburusiya na Ukraine, muri White House i Washington, kw'itariki ya 24/01/2022
Perezida Joe Biden avugana na bagenzi we ba Buraya ku kibazo c'Uburusiya na Ukraine, muri White House i Washington, kw'itariki ya 24/01/2022

Ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ryishinze kwivunira hamwe umwansi, OTAN, ryavuze kuri uyu wa mbere ko ibihugu birigize biriko birarungika ubundi bwato hamwe n’indege z’intambara mu buseruko bw’umugabane wa Buraya. Rivuga ko bagiye guhangana n’Uburusiya igihe bwohirahira bugatera Ukraine.

Itangazo rya OTAN ryavuze ko hariko hiyumvirwa no kurungika abasirikare b’inyongera n’ibikoresho bizova mu bihugu bitandukanye biri muri uyo muryango, harimwo Danemarke, Esupanye, Ubufaransa, Ubuholande, na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Kuri uyu wa mbere kandi, umukuru w’igisata ca dipolomasiya muri uyo muryango, Josep Borrell, yavuze ko ubumwe bwa Buraya butariko butegekanya gusaba abakozi ba ambasade zabo kuva muri Ukraine nkuko Reta zunze ubumwe za Amerika yabikoze ku musi w'Imana.

Borrell yavuze ivyo ashitse mu nama y’abashikiranganji b’imigenderanire b’ibihugu vyo mu bumwe bwa Buraya.

Reta zunze ubumwe za Amerika, ku musi w’Imana yarasohoye itegeko risaba imiryango y’abadiplomate bayo bari i Kyiv ku murwa mukuru wa Ukraine kuva muri ico gihugu kuko ngo Uburusiya bushobora gutera ico gihugu.

Muri Amerika, umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, John Kirby, yavuze ko abasirikare barenga 8.500 bameze magabo ku buryo bashobora kurungikwa gufasha inteko za OTAN muri ako karere.

Reta y’Ubufaransa yatangaje ko abategetsi b’Uburusiya na Ukraine bazohurira I Paris ejo kuwa gatatu na bagenzi babo b’Ubufaransa n’Ubudagi kugira batorere hamwe inzira yohagarika urwo ruhagarara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG