Uko wahagera

Perezida Biden Avuga ko Hashobora Kwaduka Intambara y'Isi


Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika avuga ku kibazo c'Uburusiya na Ukraine, i Washington, kw'itariki ya 15/02/2022
Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika avuga ku kibazo c'Uburusiya na Ukraine, i Washington, kw'itariki ya 15/02/2022

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Joe Biden yavuze kuri uyu wa kabiri ko Amerika yizera ko bigishoboka cane ko Uburusiya butera Ukraine. Yateye akamo perezida w’Uburusiya amusaba kubandanya baganira, atar’uko ngo azohura n’ingaruka mbi zikomeye.

Perezida Biden yavuze ko bishoboka ko haduka iyindi ntambara y’isi yose itagira insiguro. Yavuze ko ibi atabivuze kugira ayisotore ariko ko yipfuje kuvuga ukuri.

Yavuze ko mu gihe Uburusiya bwotera mu misi canke indwi ziri imbere, Ukraine izotakaza abanyagihugu benshi, ariko kandi Uburusiya buzovumwa n’amakungu yose. Amerika hamwe n’abo bafatanije bazokwishura bimwe vy’akarorero.

Kuri uyu wa kabiri, Perezida Putin yavuze ko yiteguye kuganira na Amerika hamwe n’ibihugu bigize OTAN kw’irungikwa rya Misile hamwe n’imyimenyerezo ya gisirikare ku mugabane wa Buraya. Hari inyuma y’aho Uburusiya butangarije ko buriko burakura bamwe mu basirikare babwo ku rubibe na Ukraine.

Perezida Putin, inyuma yo kubonana na Shanseliye w’Ubudagi Olaf Scholz i Moscou kuri uyu wa kabiri, yavuze ko azobandanya aganira n’ibihugu vyo mu burengero naho bibandanya kwanka ivyo busaba ko Ukraine n’ibindi bihugu vyahoze muri Repubulika y’abasoviyeti bitohirahira ngo vyiyunge na OTAN. Putin asaba kandi ko abanyaburaya bakura inteko zabo hafi y’Uburusiya.

@AFP, Reuters, AP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG