Uko wahagera

RDC: Bemba Yaciriwe Umunyororo w'Amezi 12


Uwahoze ari icegera ca perezida wa Kongo, Jean-Pierre Bemba, i Waterloo mu Bubirigi, itariki 11/09/2018.
Uwahoze ari icegera ca perezida wa Kongo, Jean-Pierre Bemba, i Waterloo mu Bubirigi, itariki 11/09/2018.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yaraciriye urubanza umunyeporitike w’umunyekongo Jean-Pierre Bemba rw’umunyororo w’umwaka umwe ku vyagiriji vyo gupfumbatisha ivyabona mu rubanza yaburanishwa n'iyo sentare. Gusa, ivuga ko atazopfungwa bivanye n’imyaka yamaze mu munyororo.

Bemba, atavuga rumwe na Perezida Joseph Kabila, yari yararekuwe na CPI mu kwezi guheze, abona gusubira mu gihugu ciwe gukora ibikorwa vya poritike, ndetse arashikiriza kandidatire yiwe mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Ariko sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ya Kongo yavuze ko Bemba atemerewe kwitoza ku bw’ico caha yagirizwa na CPI.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG