Uko wahagera

RDC: Sentare Yangiye Bemba Kwitoza


Jean Pierre Bemba avugana n'abanyamakuru nyuma yo gutanga kandidatire ye muri komiziyo y'amatora.
Jean Pierre Bemba avugana n'abanyamakuru nyuma yo gutanga kandidatire ye muri komiziyo y'amatora.

Jean Pierre Bemba yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, akaba kandi umwe mu bantu bakomeye mu batavuga rumwe na reta, yaraye yatswe uburenganzira bwo guhiganwa mu matora ya perezida mu kwezi kwa cumi na kabiri uyu mwaka.

Sentare ijejwe ibwirizwa shingiro muri Kongo yaraye ishigikiye ingingo yari yafashwe n’ibiro vy’igihugu bijejwe amatora, aho vyatanganza ko Bemba adashobora kwitoza kubera yagiriwe icaha co kuvugana n’ivyabona vya sentare mpuzamakungu mpanavyaya CPI kugira bayovye urubanza.

Bemba yatangaje abatari bake, aho yari agiye kwitoza inyuma yaho mu kwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka umucamnza wa CPI amugize umwere ku vyaha umuhari wiwe wa Movement pour la Liberation du Congo wagirijwe muri Repubulika Centre Afrique mu mwaka wi 2002 na 2003. Bemba yaciye agaruka muri Kongo mu kwezi guheze inyuma y’imyaka irenga cumi atari ari mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG