Uko wahagera

CPI Yategetse ko Bemba Arekurwa


Jean-Pierre Bemba yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo muri sentare (CPI) i La Haye itariki ya 21/06/2016.
Jean-Pierre Bemba yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo muri sentare (CPI) i La Haye itariki ya 21/06/2016.

Sentare mpuzamakungu mpanavyahe y’i La Haye mu Buholande, CPI yategetse ko Jean Pierre Bemba yahoze ari umukuru w’umuhari w’abarwanyi, n’icegera c’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira Demokarasi ya Kongo afungurwa.

Bemba yambitswe izera ku musi wa gatanu n’igisata c’iyungururizo ku vyaha vyo mu ntambara hamwe n’ivyaha birtyoza agateka kazina muntu. Ariko yagumijwe mu munyororo mu kurindira ko sentare ifata iyindi ngingo ku bindi vyaha vyo gupfumbatisha ivyabona.

Abacamanza bategetse kuri uyu wa kabiri ko Bemba akurwa mw’ibohero mu kurindira ibishikirizwa kuri ico kindi caha. Bavuze ko Bemba yamaze gukwiza 80 kw’ijana vy’igifungo c’imyaka 18 yari yaraciriwe.

Bemba yafashwe mu mwaka w’2018 ku mutahe wa sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Yagirijwe, nk’umugabisha w’ingabo, kuba yarananiwe guhagarika abasirikare biwe bari bazwi nka MLC bishe, bafashe abakenyezi ku nguvu, no gusahura abanyagihugu muri Centrafrika mu myaka ya 2002 and 2003. Yatakiwe gufungwa imyaka 18 mu mwaka w’2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG