Uko wahagera

Bemba Yahawe Isango ryo Kwitaba ICC


Jean-Pierre Bemba, yahoze arongoye umuhari w'abarwanyi, ku kibuga c'indege Kinshasa kw'itariki ya 1/08/2018.
Jean-Pierre Bemba, yahoze arongoye umuhari w'abarwanyi, ku kibuga c'indege Kinshasa kw'itariki ya 1/08/2018.

Abacamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha bazosasa mu rubanza n'umunyekongo Jean Pierre Bemba mu kwezi kuza kuvyaha yagirizwa vyo guha igipfukamunwa ivyabona mu rubanza rw'ivyaha vyo mu ntambara yakurikiranwa n’iyo sentare. Ivyo vyashikirijwe ku musi wa gatatu n’iyo sentare ifise icicaro i Lahaye, mu gihugu c’Ubuholande.

Iyo sentare itegekanya kumuburanisha kw’itariki ya 17 z’ukwezi kw’icenda hamwe n’abandi babiri bagirizwanywa nawe, nkuko Sentare yabishikirije.

Bemba, inyuma y'aho yejejwe ku vyaha vyo mu ntambara yaciye atahuka mu gihugu ciwe guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu, ariko yarakuwe mu gitigiri c’abakandida.

Ntibiramenyekana nimba azosubira i Lahaye kuburana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG