Uko wahagera

Jean Pierre Bemba Yasohotse Ibohero rya CPI


Jean-Pierre Bemba, yigeze kuba icegera ca prezida muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo, yambitswe izera mw’iyungururizo ku vyaha vyo mu ngwano n’ivyaha birtyoza agateka ka muntu, yavuye mu kibanza yari apfungiwemwo muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye. Ivyo vyatangajwe n’umushingwamanza wiwe, Peter Haynes, uno musi ku wa gatatu.

Peter Haynes yatangarije itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, AFP, ko Bemba yavuye mu kibanza yari apfungiwemwo ku muhingamo w’ejo ku musi wa kabiri.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha yari yaciriye, Jean-Pierre Bemba, umunyororo w’imyaka 18 mu mwaka w’i 2016. Nico gihano gikomeye cane iyo sentare imaze gufata ku vyaha vy’ubwicanyi, gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu n’ugusahura vyakozwe n’abarwanyi biwe mu gihugu ca Centrafrika hagati y’ukwezi kw’icumi, umwaka w’i 2002, n’ukwezi kwa gatatu, umwaka w’i 2003.

Umwe mu bakwirikirana dosiye yiwe yatangaje ko Jean-Pierre Bemba azoguma agenduzwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha mu kurindira uburenganzira bw’abategetsi b’igihugu c’Ububiligi.

Ababuranira Bemba bamenyesha ko ategerezwa kuja mu gihugu c’Ububiligi aho umupfasoni wiwe n’abana batanu basanzwe baba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG