Uko wahagera

Bemba Yitezwe i Kinshasa kuri uyu wa Gatatu


Jean Pierre Bemba yahoze ari icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.
Jean Pierre Bemba yahoze ari icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Jean Pierre Bemba, umunyekongo yahoze ari umukuru w’abarwanyi yitezwe kuri uyu wa gatatu mu gitondo ku murwa mukuru Kinshasa, aho abamushigikiye hamwe n’ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati ku musi wa kabiri batanguye kuganiro ku bijanye n’umuzo wiwe muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, inyuma y’imyaka cumi n’umwe atarangwa mu gihugu.

Bemba yipfuza gushikira mu nyubakwa y’umuryango wiwe iri mu gice c’abakire ca Gombe, hagati ya ambasade z’ibihugu vya Turukiya na Canada.

Yamara abategetsi ba Reta ya Kongo ntibashaka ko aba muri ico gice kirimwo inyubakwa y’umugambwe uri ku butegetsi, PPRD hamwe n’inyubakwa Prezida Joseph Kabila abamwo.

Yatangarije ikinyamakuru c’ababiligi, Le Soir, ko afise imigambi y’ugutanga kuri uyu musi wa kane wimirije kandidatire yiwe y’uguhiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu ategekanijwe kw’italiki 23 z’ukwezi kw’icumi ka kabiri. Ikiringo ntaregwa c’ugushikiriza amakandidatire ni kw’italiki umunani z’ukwezi kw’umunani.

Uwundi atavugarumwe n’ubutegetsi ari mu mahanga, Moïse Katumbi, nawe yavuze ko yipfuza gutanga kandidatire yiwe kw’igenekerezo rya kane z’ukwezi kwa munani, akipfuza ko kuwa gatanu itariki zitatu azoba ari i Lubumbashi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG