Uko wahagera

Somaliya: Abantu 6 Bishwe, 5 Bakomeretswa na Bombe i Mogadishu


Bombe zari zitezwe mu modokari zibiri zahitanye abantu batandatu zikomeretsa abandi bashika kuri batanu ku murwa mukuru wa Somaliya ku musi w'Imana, nkuko bishikirizwa n’abavyiboneye.

Ivyo bitero vyabereye mu gace ka Mogadishu gasanzwe gacungerewe bikomeye. Ibarabara rya mbere vyabereyemwo ryinjira ahari inyubakwa zikomeye, harimwo ahakorera ubushikiranganji bw’intwaro mu gihugu hagati, ahakorera inama nshingamateka. Ibarabara rya kabiri risanzwe rikoreshwa n’abajejwe umutekano bacungera ikirimba c’umukuru w’igihugu.

Imodokari, amapikipiki yar’asanzwe ariko araca mur’ayo mabarabara yasambutse. Ivyo bisasu vya bombe vyasenyuye kandi amagorofa atari make ari mw’isanganiro ry’amabararabara ari ahitwa Sayidka.

Mu gatondo kare kur’uyo w’Imana nyene, iyindi modokari yari itezwemwo bombe yasambutse ihitana umwiyahuzi yari muri yo, ikomeretsa umuporisi umwe. Igiporisi catangaje ko iyo modoka yaturitse iriko irakurikiranwa n’abajejwe umutekano.

Ivyo bitero vyo kur’uyu w’Imana vyabaye haheze imisi itatu iyindi bombe yari yatezwe mu modoka nyene yishe abantu 17 i Mogadishu ikomeretsa abandi umunani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG