Uko wahagera

Al-Shabab Yishe Abapolisi Batanu ba Kenya


Kuri uno musi wa gatatu, abapolisi batanu ba Kenya bishwe inyuma y’igitero cagizwe n’abagwanyi b’umuhari wa kiyisilamu al-Shabab k’umuduga barimwo.

Abategetsi bavuga ko abapolisi basanzwe batatu n’abakuru babo babiri bishwe aho bari kurugendo bagana mu buraruko bw’igihugu mu ntara ya Mandera. Ako karere kari hafi y’umupaka wa Kenya na Somaliya.

Uwo mugwi w’abagwanyi bakorera muri Somaliya bamaze kugira ibitero bitari bike muri Kenya kuva mu mwaka wi 2011. Ivyo babitanguye mu kwihorera ibikogwa vya gisirikare inteko z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afurika zirimwo n’Abanyakenya barungitswe muri Somaliya kugarura umutekano i Mogadishu.

Al-Shabab ibandanya gukorera muri Somaliya mu mugambi wo gutembagaza ubutegetsi muri ico gihugu, mu ntumbero yo gushinga reta yabo ishingiye ku mategeko akomeye y’idini rya islamu bita Shariya. Al-Shabab igira ibitero ku nzego za reta, ku basirikare, no ku banyagihugu basanzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG