Uko wahagera

Igitero ca Bombe Cahitanye 14 muri Somaliya


Abasomali barafasha umuntu wakomerekejwe na bombe mu murwa mukuru Mogadishu
Abasomali barafasha umuntu wakomerekejwe na bombe mu murwa mukuru Mogadishu

Abantu bashika kuri 14 bahitanywe n’igitero ca bombe yasambukiye ku murwa mukuru Mogadishu muri Somaliya kuri uno musi wa kane .

Abategetsi batangaza ko ico gitero ca bombe yo mu muduga cabereye kw’ihoteri yitwa Weheliye, abanyepolitique n’abagwizatunga bakunda guhuriramwo. Iyo hoteri iri kw’ibarabara ryitwa Maka al-Mukaramah, ricako abantu benshi mu gisagara hagati.

Abdiaziz Hildhiban, umuvugizi w’umushikiranganji ajejwe umutekano avuga ati “ Umuduga wari urimwo amabombe menshi wari uhagaze imbere y’iyo hoteri kw’ibarabara ricako abantu benshi cane ica irasambuka. Igitigiri tuzi neza c’abantu bishwe ni cumi na bane abandi batanu barahakomerekera”.

Abategetsi bavuga kandi ko batazi neza na neza ic’ico gitero cari kigamije. Nta uwuriyitira ico gitero. Gusa akenshi bizwi ko ibitero nk’ivyo vyagiye biragirwa mbere muri Mogadisho ari ivy'umugwi w’abagwanyi ba al-Shabab.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG