Uko wahagera

Igitero Cahitanye 17 ku Nyubakwa ya Polisi muri Somaliya


Ahabereye igitero ku nyubakwa ya polisi muri Somaliya.
Ahabereye igitero ku nyubakwa ya polisi muri Somaliya.

Abantu bashika 17 bishwe abandi 15 nabo barakomereka inyuma y’aho umwiyahuzi yiboheyeko ikibombe, akoreye igitero ku nyubaka abapolisi batangiramwo imyimenyerezo.

Ivyo vyabereye ku murwa mukuru w’igihugu ca Somaliya, Mogadishu. Abapolisi bariko baragira imyimenyerezo yo kwitegurira ibirori vyo guhimbaza imyaka 74 irangiye igipolisi ca Somaliya gishinzwe.

Umuvugizi w’igipolisi yabwiye iradiyo Ijwi rya Amerika ko uyo mwiyahuzi yari yiyambitse nk’umupolisi. Yasiguye kandi kw’itohozwa ryatanguye, kugira bamenye niba uyo mwiyahuzi yari yaraye mur’iyo nyubakwa.

Yamara ikinyamakuru ca reta ya Somaliya catangaje amakuru avuga kw’uyo mwiyahuzi yari yambaye impuzu z’abanonotsi kandi ko yinjiye mur’iyo nyubakwa avuye mu mihana yegereye iyo nyubakwa y’abapolisi. Ni naho mu nyuma yahavuye aturitsa ico kibombe.

Umurwi w’abarwanyi b’intagondwa, al-Shabab, watangaje kw’ariwo wateguye ico gitero kandi ko cahitanye abapolisi 27.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG