Uko wahagera

Ibitigiri vy’abishwe n’ibisasu vyaturikijwe mu modoka kur’uyu wa gatandatu i Mogadishu ku murwa mukuru wa Somaliya bishitse ku bantu bababa 240 hamwe n’abarenga 300 bakomeretse. Kibaye igitero gihitanye abantu benshi cane muri kahise k’ico gihugu.

Icegera c’umuvugizi wa sena ya Somaliya, Abshir Mohamed Ahmed yabwiye Ijwi ry’Amerika ko abapfuye bamaze gushika ku 237.

Abanyagihugu bashavuye bagize imyiyerekano mu mabarabara y'i Mogadishu kur’uyu w’Imana biyamiriza umuhari al-Shabab. Uwo muhari usanzwe ari wo ukora ibitero nk’ivyo I Mogadishu, ntaco urashikiriza. Ariko reta ya Somaliya hamwe n’abahinga muvy’iterabwoba bemeza ko ata bandi babikoze atar’uwo muhari.

Bamwe mu bari mur’iyo mwiyerekano bakoroye amosozi bashitse ahabereye iryo bara babonye ibisigarira vy’ivyasambutse.

Ibihugu vy’Ubufaransa, Ubwongereza, Reta zunze ubumwe z’Amerika, Turukiya hamwe n’umuryango w’ubumwe b’Afrika kur’uyu w’Imana batangaje ko bifatanije na Somaliya mur’ivyo bihe igihugu kirimwo kandi bagishigikiye.

Reta ya Somaliya yashinze imisi itatu y’ikigandaro kandi itegeka ko ibendera ry’igihugu riduzwa gushika hagati.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG