Uko wahagera

Al Shabab Yarishe Umutegetsi w'Iperereza muri Somaliya


Abarwanyi ba al shabab muri Somaliya
Abarwanyi ba al shabab muri Somaliya

Umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab utangaza ko ariwo wishe umwe mu bategetsi bakomeye b’ibiro vy’iperereza muri Somaliya hamwe n’abasirikare babiri bari bamucungereye ubuzima mu mutego wateze m’ubumanuko bwa Mogadishu.

Abategetsi muri Somaliya bavuga ko Mohamud Moallim Hassan Qoley yishwe k’umurango wo k’umusi w’Imana, arashwe n’amasasu yaje aturuka muyindi modoka yari ihagaze hafi y’aho bariko baraca.

Hambavu y’ico gitero, abandi basirikare bane ba reta barishwe mu gatondo ka kare ko kur’uyu w’Imana nyene n’abarwanyi ba al-Shabab mu ntara ya Hiran, iri m’uburaruko bwa Mogadishu.

Kibaye igitero kigira kane al shabab ikoze ku basirikare ba reta mur'uku kwezi kw'icenda, inyuma y’ibitero bagavye mu bisagara vya Bulogudud, Beled Hawo na El-Wak, bigenzurwa na reta bica abasirikare batari bake ndetse barasahura n’ibirwanisho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG