Uko wahagera

Itohoza rya Ruswa Kuri Zuma Ryigijweyo Gushika ku Musi wa Gatanu


Jacob Zuma
Jacob Zuma

Umucamanza mu gihugu ca Afrika y’epfo yigijeyo gushika ku musi wa gatanu mu gitondo itohoza ryerekeye ruswa kuri Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afrika y’epfo. Iyo ngingo yafashwe inyuma yuko abunganira Zuma bavuze ko yariko abazwa ibibazo mu buryo burenganya.

Itohoza ririko rikorwa ririko ryihweza ivyo Zuma yagirizwa ko yarekuriye abantu bari bamwegereye gusahura amatungo ya Reta n’ukugira uruhara mw’igenwa ry’abategetsi bakomeye muri Reta mu kiringo c’imyaka icenda yamaze ku butegetsi.

Zuma afise imyaka 77 muri iki gihe avuga ko ata kosa na rimwe yakoze.

Abunganira Zuma bavuze ko ariko yishura ibibazo vy’umurwi w’igihugu ujejwe amatohoza ku vyerekeye ruswa kuva ku musi wa mbere. Bamenyesha ko batari biteze ko abazwa ibibazo n’abunganira abagize uwo murwi.

Uwo murwi wafashe ingingo y’ukwigizayo itohoza gushika ku musi wa gatanu w’iyi ndwi. Ivyo mu ntumbero y’ugutuma abunganira impande zose baronka akaryo ko kuraba niba hari uburyo bw’ugutorera inyishu ibibazo bihari.

Gushika ubu Zuma ntiyishuye ku buryo bushimisha umurwi w’igihugu ujejwe amatohoza ku bijanye na ruswa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG