Uko wahagera

Jacob Zuma Asaba Ubutungane Kwihoza Dosiye y'Ibiturire Yagirizwa


Uwahoze ari perezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma
Uwahoze ari perezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma

Jacob Zuma yahoze ari perezida wa Afurika y’Epfo kuri uno wa gatanu yasavye sentare nkuru yo mu gisagara ca Durban kwihoza dosiye y'igiturire ca miliyaridi zibiri n’imiliyoni amajana atanu y’amadolari yagirizwa kuba yarariye mu 1990 biciye mu masezerano yo kugura ibirwanisho.

Ivyo biturire yariye vyoba vyari vyatanzwe na sociyete y’Abafransa "Thales" igihe Jacob Zuma yari umushikiranganji ajejwe ubutunzi mu ntara ya Kwazulu-Natal no mu nyuma yaho igihe yari icegerra c’umukuru w’umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y’epfo, ANC.

Umuvugizi w’ibiro vy’umushikirizamanza mukuru w’igihugu, Natasha Ramkisson-Kara, yabwiye itororokanirozo ry’amakuru y’Abafransa AFP ko abashingwamanza ba Zuma bashikirije sentare nkuru yo mu gisagara ca Durban inzandiko zisaba ko ivyaha yagirizwa vyokwihozwa burundu.

Zuma yagirizwa ivyaha 16 bifatiye kuri ayo masezerano yabaye imbere yuko ashika ku butegetsi mu mwaka w’i 2009. Bitegekanijwe ko asubira kwitaba sentare kw’italiki 30 z’ukwezi kw’icumi na rimwe ku vy'iyo dosiye

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG