Uko wahagera

Afrika y'Epfo: Jacob Zuma Yumvirijwe n'Ubutungane


Jacob Zuma yahoze ari Perezida wa Afrika y'epfo yumvirijwe na sentare y'i KwaZulu-Natal, i Durban, Afrika y'Epfo, itariki 6/04/2018.
Jacob Zuma yahoze ari Perezida wa Afrika y'epfo yumvirijwe na sentare y'i KwaZulu-Natal, i Durban, Afrika y'Epfo, itariki 6/04/2018.

Jacob Zuma yahoze ari perezida wa Afrika y’epfo yemeje kuri uyu wa gatanu ko ivyo yagirizwa bishingiye ku vya poritike. Ni mugihe yari yitavye ubwa mbere ubutungane ku vyaha vyo kurya ruswa yagirizwa mw’isoko ryo kugura ibirwanisho yakoze haraheze imyaka ishika mirongo ibiri.

Inyuma y’amezi abiri atanze imihoho, Zuma yitavye sentare nkuru yo mu gisagara ca Durban, mu buraruko bushira ubuseruko, aho yumvirijwe umwanya muto, mu nyuma urubanza rwungururizwa kw’itariki ya 8 y’ukwezi kwa gatandatu kugira bahe umwanya impande zerwa n’urwo rubanza gutororokanya bamwe ibirego n'ivyagiriji.

Igihe yari umushikiranganji w’intara, mu nyuma aba icegera c’umukuru w’igihugu, Zuma, w’imyaka 75, akekwa kuba yarapfumbatishijwe n’ishirahamwe ry’Abafaransa Thales, ku masezerano yo kugura ibirwanisho bifise agaciro ka miriyaridi zine z’amafaranga y’Abanyaburaya mu mwaka w’1999.

Urubanza rwa Jacob Zuma rurindiranwe igishika n'abatavuga rumwe n’ubutegetsi hamwe n’amashirahamwe arwanya ibiturire, yipfuza ko rugiye kuba urubanza rw’akarorero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG