Uko wahagera

Prezida Zuma Azokomeza Kwagirwa n'Ivyaha Canke Azobabariwa?


Uwahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma
Uwahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma

Jacob Zuma yahoze ari prezida wa Afrika y’Epfo azotegerezwa kurindira amezi atatu imbere y’uko amenya niba ivyaha yagirijwe vya ruswa, ibiturire no gukoresha amafaranga yaronse mu buryo buteye kubiri n’amatogeka bizohebwa canke bikaguma bimwagira.

Abacamanza bo muri sentare yo mu gisagara ca Pietrmaritzburg vyari vyitezwe ko batangaza urugiye gucirirwa Zuma kuri uno wa gatanu nta ngingo canke isango y'igihe ingingo zabo zizomenyekana batangaje.

Zuma yabaye Prezida w’igihugu ca Afrika y’Epfo kuva mu mwaka w’2009 gushika mu mwaka w’2018, igihe umugambwe wiwe wari ku butegetsi umuhereye amategeko yo kubuvako, kubera ibirego vya ruswa n’ibiturire yagirizwa.

Agashavu k’abanyagihugu karatumye umugambwe uri ku butegetsi ANC utaronka amajwi menshi mu matora yabaye mu ntango z’uku kwezi nkuko vyahora kandi na Prezida Cyril Rmaphosa yarasavye ikigongwe abanyagihugu yongera abemerera ko azogwanya ruswa n’ibiturire yivuye inyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG