Uko wahagera

Urubanza rwa Zuma Jacob Zuma Rwungurujwe


Jacob Zuma Yahoze ari Perezida wa Afrika y'Epfo muri sentare nkuru ya KwaZulu-Natal i Durban, Afrika y'Epfo, itariki 6/04/2018.
Jacob Zuma Yahoze ari Perezida wa Afrika y'Epfo muri sentare nkuru ya KwaZulu-Natal i Durban, Afrika y'Epfo, itariki 6/04/2018.

Jacob Zuma yahoze ari Perezida wa Afrika y’epfo kuri uyu wa gatanu yitavye sentare ku vyaha vyo kurya ibiturire biharurwa ku miliyaridi 2.5 z’amadolari y’abanyamerika ku birwanisho vyaguzwe mu mwaka w’1990, ariko umucamanza yunguruje urwo rubanza gushika mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kumwe.

Zuma yagirizwa kuba yaremeye kwakira igiturire yahawe na kompanyi Thales y’Abafaransa igihe yari umushikiranganji w’ubutunzi, mu nyuma ari icegera c’umukuru w’umugambwe ANC.

Yagirizwa kuba yashize ku mupfuko wiwe imiliyoni zine z’ama rand ya Afrika y’epfo, aharurwa ku madolari ibihumbi 340.

Perezida Zuma, w’imyaka 76, ni umwe mu bahoze ari abakuru b’ibihugu bake bariko bakurikiranwa n’ubutungane inyuma yo kuva ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG