Uko wahagera

ANC Yategetse Jacob Zuma Kwegura


Bamwe mu banywanyi b'umugambwe ANC mu myiyerekano yo gusaba Perezida Zuma Kwegura
Bamwe mu banywanyi b'umugambwe ANC mu myiyerekano yo gusaba Perezida Zuma Kwegura

Urwego nyobozi rw’umugambwe uri ku butegetsi muri Afurika y’Epfo, ANC, rwemeje ko rwategetse Perezida Jacob Zuma gutanga imihoho.

Umunyamabanga mukuru wa ANC, Ace Magashule, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru i Johannesburg, yavuze ko n'aho ata tariki bwite yo gukinjura Zuma yahawe, ingingo yo kumuvana ku butegetsi ari ntabanduka.

Mu gatondo k’uno wa kabiri, Cyril Ramaphosa aramutswa ANC ari kumwe n’umunyamabanga mukuru w’uyo mugambwe, Ace Magashule, babonanye na Perezida Zuma.

Muri uyo mubonano, Zuma yoba yasavye kugumizwa ku butegetsi amezi make imbere yo kwegura, ariko abo bategetsi bamwishura ko bidakunda.

Vyitezwe ko Perezida Zuma agira ico avuze ku mugaragaro ku vyo yategetswe na ANC bitarenze kuri uno wa gatatu nk'uko amakuru ava mu mugambwe wiwe avyemeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG