Uko wahagera

USA: Clinton na Trump Bafite Akarusho mu Matora


Donald Trump, ariko ahiganira guserukira umugambwe w'abarepubulika mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa 11 mu mwaka w'2016
Donald Trump, ariko ahiganira guserukira umugambwe w'abarepubulika mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa 11 mu mwaka w'2016

Umudemocrate Hillary Clinton hamwe n’umuRepublika Donald Trump, bongereje amahirwe mu migambwe yabo yo kuzoserukira iyo migambwe mu matora y’umukuru w’igihugu.

Abahiganwa mu matora y'umukuru w'igihugu Hillary Clinton na Donald Trump bagize intsinzi nyinshi ku musi wa kabiri w'itora bita "Super Tuesday".

Hillary Clinton yahoze ari sekereteri ya reta muri Amerika, yaratahukanye intsinzi mu ntara ya Tennessee, Georgia, Tennessee, Virginia, Texas na Massachussetts. Senateri Bernie Sanders bahiganwa mu mugambwe w’abademorcrate yatsinze mu ntara ya Vermont, Oklahoma, Minnesota, na Colorado.

Ku ruhande w’abarepubulika naho, Trump yatsinze mu ntara ya Arkansas, Georgia, Alabama, Tennessee, Virgnina, Vermont na Massachusetts. Senateri Ted Cruz nawe yatsinze mu ntara ya Texas, Oklahoma na Alaska. Senateri aserukira intara ya Florida nawe, Marco Rubio yatsinze mu ntara ya mbere ya Minnesota.

Ivyavuye mur’ayo matora, ntivyatangaje abantu. Ibiharuro vyari vyatohojwe, vyerekana ko Trump hamwe na Clinton bari imbere y’abandi bahiganwa mu majwi mur’izo ntara zose zakoresheje amatora ku musi wa kabiri.

Mu majambo yo gukeza intsinzi yabo, bahisemwo kunegurana aho kwitaho abandi banyapolitike bariko baragwanira ikibanza co guserukira umugambwe.

XS
SM
MD
LG