Uko wahagera

USA: Birashyushye mu Matora y'Ikubitiro


Umukandida w'Umudemorate, Bernie Sanders ariko yiyamaza mu gisagara ca Portsmouth, muri Reta ya New Hampshire, ku musi w'Imana, italiki indwi z'ukwezi kwa kabiri, umwaka w'2016.
Umukandida w'Umudemorate, Bernie Sanders ariko yiyamaza mu gisagara ca Portsmouth, muri Reta ya New Hampshire, ku musi w'Imana, italiki indwi z'ukwezi kwa kabiri, umwaka w'2016.

Abakandida barondera guhagararira umugambwe w’Abarepublika mu matora y’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika, bariko barakwiragira mu bice vya Reta ya New Hampshire. Iyi reta iri mu buraruko bushira ubuseruko bw'Amerika.

Donald Trump, abandanya kuza imbere y’abandi bakandida b’Abarepubulika mu vya nyuma vyatohojwe. Yamara benshi mubo bahiganwabariko barondera kurangiza neza muri ayo matora.

Ku ruhande rw’Abademokrate, Senateri Bernie Sanders wo mu ntara ya Vermont ihana urubibe na New Hampshire, asa n’uwuzotsinda ata kibazo Hillary Clinton yahoze ari umushikiranganaji ajejwe imigenderanzire w'Amerika, mu matora ya mbere yo muri reta ya New Hampshire.

Hillary Clinton yatsinze Bernie Sanders n’ibiri musi y’inuta, mu matora ya mbere yo muri Reta ya Iowa.

Amatora ya Perezida muri Amerika atagekanijwe mu kwezi kwa cumi na kumwe uyu mwaka

XS
SM
MD
LG